Prezida wa Zambia, Edgar Lungu, yatangaje ibihe bidasanzwe muri ico gihugu inyuma y’umuriro waturiye isoko rikuru ryo ku mugwa mukuru Lusaka.
Uwo muriro n’ibindi bikorwa bibi nk’ivyo vyibazwa ko wakijwe n’ibigirankana, prezida Lungu akavuga ko ari ibikorwa vyo kubangamira ubutunzi kugira igihugu ca Zambia ntigitwarwe neza.
Abadepite 48 bahagaritswe muri Zambia
Ariko abatavuga rumwe na we bavuga ko Lungu yishimikiza ibintu nkivyo kugira abandanye gutegekesha igitugu.