Hari uwabonetse asumba ava hejuru ku gasongero k’iyo nyubakwa, abandi bahakugwa na kajugujugu.
Abarenga miringo ibiri bajanywe kuvuzwa mu bitaro vyo muri San Salvador, kubera ubushe, gukomereka no guhumeka inyotsi.
Umugore umwe yamaze kwitaba Imana, urundi yagarukiye kure bamusubijemwo impwemu amaze kuvugwa ko asa n’uwacikanye aho yari ageze mu bitaro.
Abajejwe kuzimya vyabatwaye nk’ isaha yose kugira bashobore gushosha ugwo rubeya.