Abashingamateka b’ubumwe bwa Buraya baremeje kuri uwu wa gatanu integuro yemeza ko ibihano vyafatiwe igihugu c’Uburundi vyogumizwaho. Ivyo bihano bigizwe n’ukutaronswa imfashanyo n’ubumwe bwa Buraya, ibihano bifatirwa bamwe mu bategetsi vy’ukwankirwa gufata ingendo mu bihugu vy’ubumwe bwa Buraya, hamwe n’ugufata amatunga boba bafise mu bihugu bigize ubumwe bwa Buraya.Muri iyo ngingo yerekeye Uburundi y’inama nshingamateka ya Buraya, abashingamateka b’iyo nama bamenyesha ko barajwe ishinga n’itituka ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, ingingo ya Reta y’uguhindura ibwirizwa shingiro kugira ibiringo vy’umukuru w’igihugu bikurweho.
Abashingamateka ba Buraya basaba ko hoba amatohoza akwiye kandi ataho yegamiye ku bwicanyi bukorwa, abagiriwe n’icaha bahanwe hisunzwe amategeko.
Muri iyo nteguro, abo bashingamateka basaba Reta y’Uburundi ko yokwemera gukorana n’umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amatohoza ku vyerekeye ubwicanyi bwakozwe kuva mu kwezi kwa ndamukiza umwaka w’2015.
Abashingamateka ba Buraya bamenyesha ko bagiye gutunganya gushasha bafashanije n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika uko imfashanyo zigenewe abasikare b’Abarundi bagiye kugarukana umutekano muri Somaliya uko zotangwa. Bahamagarira imigwi yose kugerageza kugarukana umwizero no gushira imbere ubumwe bw’abanyagihugu biciye mu biganiro kuri bose hagati ya Reta n’imigambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’amashirahamwe ataharanira inyungu za poritike hisunzwe ibwirizwa nshingiro, amasezerano ya Arusha hamwe n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwasinye.
Abo bashingamateka basaba kandi abarongoye Uburundi kwemera umuzo w’umugwi w’abaporisi mpuzamakungu, nkuko vyari mu mugambi 2303 w’inama nkuru ijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi amenyesha ko imyifato y’inama nshingamateka ya Buraya idakwiye gusamaza abatwara Uburundi.
Uwo arongoye Uburundi yagiriza iyo nama nshingamateka ya Buraya ko yagerageje gukoresha inguvu mu kudurumbanya Uburundi, ariko birayinanira, akavuga ko ubumwe bwa Buraya bwatoye iyindi nzira yo kudurumbanya igihugu biciye mu bihano bifatwa.
Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko abanyaburaya bibaza ko Abarundi batoshobora kwibeshaho, uwo munyabanga mukuru wa CNDD FDD akavuga ko Abarundi batazosamazwa n’izo ngingo z’Abanyaburaya.
Evariste NDAYISHIMIYE avuga ati : « Abarundi turashoboye kwibeshaho ndetse tugashobora no gushora ivyo twahinguye hanze y’igihugu. Ntibazodusamaza tuzoshishikira dukora ibikorwa vyacu.