IMBURI Y’ABARUNDI: UMUGISHA W’IMANA MU BURUNDI BUSHASHA, BW’ISEZERANO ISIRAYELI YA KABIRI 

INTANGAMARARA

I. IGIHE UMUGISHA UZIYEMWO N’INGENE UZOZA

II. UMUGISHA WO MU BURYO BW’IMPWEMU

III. UMUGISHA UGARAGARA WO MU BURYO BW’UMUBIRI

1. Amazi yo mu masoko

2. Energies renouvelables canke umuyagankuba usubiriwza

3. Quartier social muri Bujumbura Rural

4. Ibikorwa rusangi 

5. Gukorera hamwe

6. Tanganyika : amafi menshi

7. Gutera ibiti vy’inkwi n’ivy’ibidukikije

8. Ibiti n’amashamba

9. Uburimyi mu Burundi : Ubuhinga bwo muri Maleziya

10. Politike y’ubutunzi yitaho kuzamura abakene, Politique pro-pauvre 

11. Itunganywa ry’amabarabara canke Réseau routier mu gifaransa 

12. Kaminuza y’Uburundi

13. Kwitaho intara zikenye kurusha izindi nka Cankuzo,

14. Urutonde mu nyubako

15. Gutunganya neza ama Parkings canke ibituro vy’ama bisi

16. Gutandukanya parkings z’ama bisi, amapikipiki n’amakinga

17. Isuku ku mabarabara no mu bibanza vy’abantu benshi

18. Gutunganya neza urudandaza mw’isoko rya Bujumbura no mu masoko makuru makuru 

19. Gukingira ibiti n’amashurwe bitewe ku mabarabara 

20. Uko dukwiye kwirinda mu bibanza birimwo abantu benshi 

21. Inzitiro z’ingogo

22. Ubutunzi bw’igihugu  

IIII. INYIFATO IKWIYE KURANGA ABARUNDI MURI IISIRAYELI YA KABIRI

1. Uburyo Uburundi bukorana n’amakungu 

2. Gusambura ibigirwamana

3. Inyifato Abarundi bakwiye gusezerera 

4. Isuku ku mubiri no kwigenga ubuntu

5. Gukoresha neza umwanya ku musi 

6. Inkino 

7. Ubunywero bwo ku mabarabara 

8. Kwitandukanya n’abanyamahanga : Gusubira mu vyagezwe (Gus.7 :1-6) 

INDUNDURO 

INTANGAMARARA

“Erega Uhoraho Imana yanyu ni we Nyene ijuru, mbere ni Nyene ijuru risumba ayandi, bo n’isi n’ibirimwo vyose” Gus.10:14

​Ino mburi ifitiye ikimazi canecane abasomye imburi zitatu za mbere, kuko izo zerekanye iyo umugisha uzanana. Imburi ya mbere yasohotse mu kwa kane 2015 yavuga ku bigiye kuba mu gihugu bidasanzwe canke bigaragara nk’amagume ku gihugu n’abanyagihugu hamwe n’ibibizokurikira ayo magume aheze. Yarerekana impinduka igiye kuba mu buzima bwa politike hamwe n’ubw’ishengero. Imburi ya kabiri yavuga ibanga riri mu ntambara iriko iraba mu Burundi n’inyifato umukristo w’ukuri akwiye gufata, hamwe n’ingene dukwiye gusengera igihugu. Imburi ya gatatu yaburira amashengero, ibereka ibigoye amashengero, ibigiye gushikira ishengero muri rusangi mu Burundi bushasha, ikangura cane cane abaherezi bari imbere y’abandi ngo bitegurire ikanguro, bave mw’itiro ry’urupfu no mu kugabitanya.

Ubu dusohoye imburi ya kane ivuga ku mugisha Uburundi bugiye kuzobamwo mu nyuma y’iyi ntambara, ikaba ariyo mburi ya nyuma isohotse imbere y’uko Imana ikora ivya nyuma vyo kurangiza intambara bigiye kuba nk’uko Imana ibinyemeza. 

Ndabakangurira rero gusoma imburi za mbere zose kugira muje mu mpwemu iyi mburi yandikiwemwo, nayo ahandi muzoyisoma nk’abariko basoma ivyandiko vy’abanyamakuru, mwimenyere udukuru ataco tuzobamarira, canke tuvuga ivyo mutazonabamwo. Kuko, bene Data, umugisha uva ku Mana Data ni uw’abihanye, si uw’abasomye bari n’ivyo bazi bagaca babaho bidigadiga gusa. 

Ndabibutsa nshimitse ko umugisha w’umu Kristo, ni Kristo we nyene. Iyo ni ingingo ya mbere. Yumvikane neza, kuko abandi bishimiye ibindi : bishimiye imigambwe yabemereye ibiti, kandi iyo igiye kutazobaho muri kino gihugu kigiye kwinjira mu burongozi bw’Imana yo mw’ijuru. Iyo, ikoresheje abo ivugisha n’imbaraga zayo, izokwishiriraho abarongozi yo yemera. Abandi bishimiye abantu buntu, bafise imirimo yitwa iyidasanzwe mu gihugu canke mw’ishengero, abandi bishimiye abagwizatunga babegereye bakizera ko bari n’ico bazobamarira kandi ivyabo nimba vyavuye mu kugabitanya bishobora kuzojana n’iyo mvura, ahari inzu zigerekeranye n’izijererenze amabara y’ubwoko bwose zuzuye ibitayega hagahinduka iwabo w’ibihuna canke hakaboneka umunyota gusa nk’uko Imana yigeze kubinyereka mu muji. Yemwe batunzi mwihane, mwezeshe ivyanyu mu kwakira agakiza no mu gukorera Imana mu vyanyu. Abandi bizeye abapfumu babo b’agakura, ariko ndazi ko mwonshingira intahe ko benshi mubakora ivyo vy’ubuyobe mumaze kumaramazwa n’abo mwishimiye, ku buryo n’abaheruka gukoza ibiboreza mu kanwa haraheze imyaka irenga icumi basigaye « bidroga » canke biha ibiboreza umusi ukira, kugira ngo ikibashikako giturumbuka ntibacumve. Akira Kristo rero, kuko muri we hari vyose ; niwe atugwatiriza mpwemu, kandi ni we nyene ifeza n’izahabu nk’uko bibiriya ivuga.

Ingingo ya kabiri : Abarundi, kuko twasezeraniwe n’Uhoraho yatwemereye ikanguro ry’imitima yacu, n’iterambere rigaragara, twiteze umugisha uva ku wadusezeraniye. Vyumvikana ko tuwunyakurisha ukwihana atari mu buryarya bw’ibikorane bivanze no kugabitanya canke kwegera abakuru bakijijwe ngo tubaronke kw’ibiti. Imana ntihendwa.

Mbere nkanguriye kwitatura n’Imana abo bose babihitiyemwo, kuko vyari vyarabaye ingwara imeze nk’itavurika. Bene abo Imana yabise ngo ni abasenga ibigirwamana. Begere Kristo badatinya, bature mu kuri baharirwe ha guhunga igihugu.

Ingingo igira gatatu : Turiteze nk’uko Imana yabivuze, kwezwa cane mu mpwemu biciye mu kwumva ubutumwa bw’ukuri, kwatura mu kuri, no mugukuraho ibiterekwako amatara Imana itishimiye. Ayo ni amashengero atashizweho n’Imana, canke yakase agafata inzira ya Shihori. Tuzoronka n’umugisha wo mu buryo bw’umubiri nk’uko bibiriya ibitwemerera, uyo ukazozanana n’ubugororotsi buzoza mu gihugu nk’uko maze kubibandikira mu mburi mwasomye.

N’uko rero, bene Data, Barundi, Barundikazi, tugire inguvu zo kwegera umusaraba. Ntitwongere kuvuga imvugo z’uburyarya zivuga ngo « nakirijwe aho ndi » ziva mu kwizigitira ku madini no mu kwitiranya idini na Kristo. Ndababwira ko abanyedini bazohabwa umugisha n’idini, abene Yosefu bazohabwa umugisha na Yosefu, abene Mohamedi bazohabwa umugisha na Mohamedi, abene Mariya bazohabwa umugisha na Mariya, abene Migurumiko bazohabwa umugisha na Migurumiko, abene Beyonce bazohabwa umugisha na Beyonce, abene Kristo bazohaba na Kristo. Jewe mpisemwo Kristo twahawe, yanatubambiwe, uwavuze ati : Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Hitamwo nawe. Mwibuke uko Yesu yishuye abirata kuba abene Aburahamu : yababwiye ati : mwame ivyamwa bikwiranye no kugororoka gusa kuko n’aya mabuye noyakuramwo abana ba Aburahamu. Iryo ni ijambo ry’Imana, ntimuvuge ngo mbaciriye imanza.

Abezwa uko Yesu Kristo yavuze, baronka umugisha yabavuzeko, kandi ntawuvanga n’umubabaro. Birazwi ko Satani atanga umugisha, ariko, uwiwe uvanzwe n’amarushwa menshi kuko uwiwe uzanana i kuzimu. Ingo zatanze ibimazi kwa Satani, iz’abasuma n’abaraguza, zirazi ingene umugabo n’umugore batunga amazu meza, umwe wese agahindisha umuduga ashaka, ariko inyama nziza bakayirenzako inkoni zitari mu rutonde rw’ibitekwa, bakanamara imyaka irenga mirongwibiri umwe wese arara mu cumba ciwe. Mu manza bakagira uburyarya bwo gutamikana nk’abakundana ngo ntibahinyuke. Mbere abiyerekana mu ngeso bene izo zo gutamikana mu bantu no gusomanira mu bantu nabonye urukundo rwabo rumeze nk’impuzu yanduye, nk’inanasi yagonzwe n’umuduga. Ariko igishika cubakiwe ku muryango w’umunwa co kimeze nk’ubuki burimwo udusenyi duke gusa.

Abezwa uko yavuze, ubwa mbere muzogororoka bimenyekane. Ukugororoka kwanyu, kuko kurimwo ubushobozi, kuzokwirukana impwemu mbi z’inyatsi n’iz’ubugizi bwa nabi bunyuranye. Izo zigiye zizobisa uburumbuke, umugisha ugaragara winjire. Tuvuze umugisha rero mwumve ivyo bibiri : kugubwa neza mu mpwemu biva kukubaha Imana, no kubaho neza mu bigaragara biva ku Mana Nzima. Gire umwete wo kwegera umusaraba rero tujabukane. Uburundi ntibwagenewe ivyo muhitiye mubona vyo kurara musi y’ibiraro ku bana b’igihugu, kwicaranako mu miduga igenda irafumba imyotsi ibarabara ryose, kugira umwanda muto na mukuru mu bibanza vy’abantu benshi bitateguriwe ico, no guhonyanga amashurwe leta yateye ku mafaranga menshi bidahanwa n’uburyo na bumwe mu muji ufise polisi, n’ibindi nk’ivyo. Ivyo birarangiye. Si ubwome ku gihugu. Abezwa turabivuyemwo. Imana yatwemereye kuzobana nayo, ivyo bibi vy’umubiri navyo ntibinezerererwa namba. Umwanda utera Uhoraho ishishi. Ijambo ry’Imana rivuga ko aho uri Imana ihahunga. Gus.28:1-14 Imihezagiro n’imivumo. Ezwa, tujabuke. Amen