Inama Nshingamate y’Uburundi yagiriza ibihugu bimwe vyo ku mugane wa Buraya biri kumwe n’ishirahamwe FIDH (Fédération Internationale des Droits de l’Homme) ko bashaka guha intumbero ya poritike ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi,mu ntumbero yo guhungabanya inzego zatowe n’abanyagihugu.
Mw’itangazo ry’Inama Nshingamateka y’Uburundi ryasomwe n’umuvugizi wayo Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, inama nshingamateka y’Uburundi imenyesha ko icegeranyo giheruka gusohorwa n’Ishirahamwe FIDH hari aho iryo shirahamwe ryarengeje urugero.
Muri iryo tangazo,inama nshingamateka y’Uburundi imenyesha ko ico cegeranyo carengeje urugero,kuko ishirahamwe FIDH ryatanze ibiharuro bitari vyo, bafatiye ku vyashikirijwe n’umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH,umushikiranganji w’ubutungane,uw’agateka ka zina muntu,uw’imigenderanire, n’uw’intwaro yo hagati mu gihugu.
Inama nshingamateka y’Uburundi imenyesha ko ku ruhande rwayo,ishima ibimaze gukorwa na Reta mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu,ubutungane,umutekano hagati mu gihugu, hamwe n’imigenderanire n’ibindi bihugu.
Mu cegeranyo c’ishirahamwe FIDH,iryo shirahamwe rimenyesha ko abantu 1200 aribo boba barishwe, abagera ku majana icenda baburirwa irengero,abarenga amajana basinzikarijwe igufa,nayo abarenga ibihumbi cumi bapfungirwa mu mabohero atandukanye.
Muri ico cegeranyo nyene,ishirahamwe FIDH ryerekanye amakenga rifise kw’itegeko ryaciye mu nama nshingamateka rivuga ko abasubijwe mu buzima busanzwe babishaka bagiye guhabwa inyigisho za gisirikare kugira igisirikare c’Uburundi kizobikoreko mu gihe bokenerwa.
Kuri ico cegeranyo c’ishirahamwe FIDH,mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi,Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu,yamenyesheje ko n’ibindi bihugu bifise abasirikare bakoreshwa bibaye ngombwa, ivyo bita mu rurimi rw’igifaransa « Militaires de réserve », kandi ko ishirahamwe FIDH ridafise ivyemeza vyerekana ko ari Imbonerakure za CNDD FDD zizoshirwa muri abo basirikare.