Isidore Rufyikiri na bagenzibe barahira mu gihugu c’Urwanda.
Bavuga vyinshi kubashingwamanza bakiriwe na sentare z’urwanda. Bamwe ngo bateguriwe gucira Imanza abarundi bari kubutegetsi ubu, abandi bati banguha bakurikira amaronko kuko Imana igucira icanzo.
Uyu nawe ati: Ntacanyegejwe kitazohishurwa ». Urakoze Mana kugaragaza ukuri kwawe mu maso yacu. Bahora batubwira ko bakora kandi bigenza nk’abanyamahanga—uwundi ati benshi muri barya ntibahunze baratashe basubiye iwabu, baratashe kuko bari baje umutorera mumuduri wa Nkeshimana ntitwavyemere twabifata minenerwe none amaso yacu aratanguye kubibona…..hasigaye rugurika, muhozi, ….. »
Reka tubirindire tubirabe. Abisezerano barayamaze bati: » Mu burundi bushasha bw’Isezerano umurundi wese , ubwoko, intara, ubutandukanevbwa politike namadini bazokwiyumva mugihugu iwabo gusumba ahandi hose »
