Amatora ya Kenya ateganijwe kuwa 08/08/2017
Ku munsi wa gatanu, sentare nkuru y’igihugu ca kenya yategetse umugwi ujejwe gutunganya amatora guhagarika gucapisha amakarata y’amatora y’umukuru w’igihugu ateganijwe mu kwezi kuza.
Ingingo ya sentare yo guhagarika icapishwa ry’amakarata y’amatora, yaturutse ku kibazo c’uko isoko ry’ico gikorwa ryatanzwe ngo bidaciye mw’ihiganwa rikwozwe mu muco ukwiye.
Ikirego catanzwe n’uruhande rutavuga rumwe na leta.
Perezida Kenyatta yavuze ko ubutungane butokwitwaza ubwigenge ngo bwongere bubwishimikize mu kwinjirira inzego nshingwabikorwa n’izindi nzego za leta.
Yavuze kandi ko amatora atazosiba, abo batavuga rumwe babamwo canke batabamwo.