
Philip Mulryne yatigwa mw’ibanga ry’ubupatiri mw’isengero Saint Saviour, Dublin.
Yaheruka guhabwa amagabanga y’ubudiyakoni mu kwezi kwa cumi umwaka uheze.
Philip Mulryne yatiwe na musenyeri Joseph Augustine Di Noia
Uyu mupatiri yavukiye mu muji wa Belfast yakiniye Irlande du Nord mu makungu incuro 27, aronka ibitego 3
Yaciye mu migwi itandukanye irimwo Norwich City na Leyton Orient.
Yatanguranye n’umugwi Manchester United mu 1997, ahereye mu mugwi w’abakiri bato.
Mu nyuma ntiyashoboye kugumana n’uwo mugwi igihe kirekire, yaciye yunguruririza muri Norwich City muri 1999, aho naho ahagirira ibibazo vy’imvune.
Philip Mulryne yakinye incuro 27 mu mugwi nserukiragihugu wa Irlande du Nord
Yasezeye ku mugaragaro gukina umupira w’amaguru nk’umunyamwuga mu 2009, atangura urugendo rwiwe ryo kwihebera Imana muri seminari ya Saint Malachy muri Belfast.
Inyuma y’impamyabushobozi ya Philosophie yaronse ahereye muri kaminuza ya Queens muri Belfast, yagiye kwiga Theology muri Gregorian University i Roma.
Yinjiye mu kigo c’umuryango w’aba Dominikani ca Cork mu 2012.