Umuhari Abisezerano urakeje umuryango wa nyenicubahiro Melchior Ndadaye yuko umuhungu wiyo ncungu y’uburundi yashinze urwiwe.

Abisezerano dufise umunezero ntangere ku kubona umwana w’incungu y’uburundi yashinze urwiwe. Ni imbonekarimwe kuko umuryango w’incungu ya mbere umuganwa Ludoviko Rwagasore barawuburabuje batako barawuhonya. Ni bande ga yemwe? Ni abarundi nka twebwe bafatanije n’abahanuzi babanyamahanga. Ivyo bitubere inyigisho ntibigasubire.

Turakeje uwo muryango n’abarundi baturuka mu bwoko bwose, intara zose n’amadini yose batahura umugambi w’Imana ku burundi bushasha bw’Isezerano.