
Yiteze guhurira n’abantu baharugwa mu bihumbi mu muji wa Istanbul, aho urwo rugendo rwaturutse mu muji wa Ankara ku birometero 450 rurangirira.
Intumbero n’ugushika kw’ibohero ryo muji wa Istanbul, aho umwe mu bashingamteka b’umugambwe wiwe apfungiye.
Abari muri urwo rugendo rw’imyiyerekano bavuga ko bariko barondera ubutungane batitayeho imigambwe baturukamwo.
Leta irega abari muri iyo myiyerekano gushigikira iterabwoba
Bahamagarira ubutegetsi gusigaho gupfunga abantu no kubakura mu kazi ikivunga, vyatanguye inyuma yo gushaka gutembagaza ubutegetsi kwaburijwemwo.
Perezida Erdogan yagiriza abagiye muri iyi myiyerekano gushigikira iterabwoba.
Umunyamakuru wa BBC ari Istanbul amenyesha ko abatunganije iyo myiyerelkano bashaka kuzanamwo impande zose z’abayavuga umwe na leta muri ico gihugu.