Umuyobozi w’Ishirahamwe CJA (Coalition des Jeunes en Action) Ambassadeur Albert NASASAGARE amenyesha ko abarwizatunga n’abarongozi bategerezwa kwicara hamwe, kugira bamwe bose mu mirimo bajejwe ibikorwa babikore neza.
Mw’ijambo ryo kwugurura uruganda Burundi-Business & Leadership summit rwatunganijwe n’ishirahamwe arongoye CJA kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Mukakaro 2017,Ambassadeur Albert NASASAGARE yavuze ko abarongozi n’abarwizatunga ari magiriranire mu bikorwa vyabo vya buri munsi.
Yavuze ati :« Abarongozi ntibashobora gukora neza ibikorwa vyabo badashigikiwe n’abarwizatunga, kandi n’abarwizatunga ntibotera imbere ata burongozi bwiza buhari. »
Ambassadeur Albert NASASAGARE yavuze ko muri iyo nama, abarwizatunga n’abarongozi bazokwicara hamwe kugira barabe uruhara rw’umwe wese, bihweze kandi ingene urwaruka rufise imigambi yo kwiteza imbere rwosanga rwarateguriwe ahantu heza rushikira.
Muri iryo jambo Ambassadeur Albert NASASAGARE yahamagariye urwaruka kwicara hamwe bakarondera imigambi yobafasha kwiteza imbere, ikabaha akazi ,igateza imbere igihugu n’imiryango, kandi bakunganira Reta mu bikorwa vy’iterambere.
Yarangije amenyesha ko ibihugu vyateye imbere nka Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bivuye ko hari urunganwe rwakuye amaso kuri kubu, ruyashira muri kazoza.
Urwo ruganda rwatanguye kuri uno wa mbere ruriko rubera mu nyubakwa z’ihoteri Club du Lac Tanganyika, ruzomara iminsi ibiri, rukazorangira kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017.
Uruganda Burundi-Business & Leadership summit rwatunganijwe ku ncuro ya mbere, ku civugo :’’Shiramwo umutahe wongere ube umurongozi’’, mu rurimi rw’icongereza :’’Invest and lead’’.