Kayanza : Abantu 8 bishwe mu gitero, abandi 50 barakomereka 

Abantu umunani nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana bahitanwe n’igitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana muri komine Gatara mu ntara ya Kayanza. Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abandi bagera kuri 50 bakomeretse.
Abo bantu batewe gerenade mu gihe bari mu bunywero kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kayanza bemeza ko muri abo mirongo itanu bakomerekejwe n’iyo gerenade, harimwo abaremvye, ku musego aho bariko baravurirwa.