INGOMA Y’UBURUNDI Bujumbura7/7/2017
UMUHARI UJE GUSHIRAHO
INTWARO IVA KU MANA(MITHEBU)
IBIRO BIKURU VY’UMUHARI
REF NO: 001/06-MKR/2017
ITANGAZO RYAMBERE Y’UMUHARI MITHEBU.
*BARUNDI BARUNDIKAZI,NCUTI Z’UBURUNDI NAMWE BANYAMAHANGA MUBA MUGIHUGU CACU,
NIDUSANGWE UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO, AMAHORO , ITEKA, ITERAMBERE N’UBUTUNGANE KURI BOSE!
Kuri uno musi uri hejuru, ni igenekerezo ridasanzwe ku buzima bw’Igihugu cacu kuko tugira dufate akanya ngo tumenyeshe Abarundi n’amakungu ibi bikurikira:
1°) Nkuko abarundi basanzwe bemera lmana nka bose kubice birenga 90% mubutandukane bw’amadini yabo, ninako benshi bemera ko BIBILIYA ari igitabu c’Ijambo ry’lmana 100%. Twisunze ivyo,
Nkuko tubisoma mugitabu c’ltanguriro 1:27-28 dusanga lmana irangije kurema Isi n’Ijuru n’ibiri murivyo, inyamaswa n’ibiti ivy’umuntu azokenera vyose yaciye irema UMUNTU mw’Ishusho yayo imuha n’umufasha ngo bagabe baganze ibiri mw’isi vyose, mu mazi no mukirere.
Imana iba ishizeho urutonde n’uburongozi mw’isi yonyene igenzura kugira ngo umuntu abeho Uko lmana ishaka ayubaha.
Umuntu yahavuye agarariza akora icaha, iba ariyo nyanduruko yacu uno musi gucumukura. IMANA ntako Itakoze ngo umuntu asubire kurutonde rwiza rw’uburongozi ariko n’ubu bikaba bikigoye amahanga.
2°) Kw’isi yose no mu Burundi harimwo, ibinjana birashize isi ibayeho murusukirane ruvanze no kujuragirika biturutse ku kutumvira kw’umuntu;
Aho abakoloni nabo baziye iwacu, baratuvangira tuva muntwaro za cami naho nazo zitayoboka IMANA NKURU UHORAHO, tuja muza Repubulika zitwarwa n’igikenye, mbere dushika muri za demokarasi aho bisigura ko ari intwaro iva kumunyagihugu( kuko ariwe atora uwumurongora) ikamusubirako. Bisigura mbere ko dufatiye kukarorero k’Umucunguzi wacu yamye atanga ko turi intama nawe akaba umwungere mwiza, bivuga ko intama arizo zihitiramwo umwungere maze zikanamwereka aho zipfuza kurisha.
Dufatiye aho tubona ko umuntu yataye lmana n’uburongozi bwayo ahubwo agashima kw’iyobora.
3°) Ivyo bihuye n’uko abana ba lsirayeli bagararije lmana n’uburongozi bwayo kuva Mose abakura muri Egiputa maze bagashima kuyoborwa n’umuntu ngo nkuko andi mahanga yabigenza.
Nubwo Imana yababwiye ingaruka mbi zavyo, baranse kwumva maze irabareka maze ibaha Sauli yarahuye n’uko imitima yabo yipfuza (1 Samueli 8:1-22).
4°) Nkuko twese tubizi, indyane n’ikumirana vyamye biranga ABARUNDI si ivy’ubu. Twibuke ko ku ntwaro za cami zabayeho abantu banyarwa, bakangazwa, bagahohoterwa ku misi nk’umuganuro n’iyindi ; mbere vyaranavurwa ko umwami yabwirizwa kuvukana imbuto.
Ibi n’ibimenyetso ko mbere umukoloni yaje asanga dusanganwe ugukumirana ahubwo bica biramworohera kudutwara.
5°) Aho intwaro z’ama repubulika ziziye, ubwicanyi bufatiye ku mahonyabwoko,uk
wangazanya, kunyaga,kudahana, kudatunganiriza abarundi, ubusuma, ibiturire, ka mwana wa mama, mpinga yanje, ugusesagura amatungo y’igihugu, gutyozanya hagati y’amoko n’imiryango, kunenana, gukumirana, kurabana amazuru,gusenga ibigirwamana, gupfumura no gupfumuza,uguhonyanga agateka ka zina muntu n’ayandi mabi vyateye vyiyongera.
6°) Mu mwaka w’1992 igarukanwa ry’amahiganwa y’imigambwe myinshi n’ubutegetsi buvuye mu matora nkuko ahenshi muri Afrika bari bijukiye demokarasi ko ariyo ntwaro izobaha amahoro,ituze n’iterambere ariko ivyizigiro vyamaze umwanya urume rumara; abarundi nibo bayamaze bati wanka ibinyagara ukazana ibihunda Ivyo vyose vyabaye kubera ukutumvira KW’UMUNTU .
7°) Ubuzima ni akatihabwa, mbere kwica bibuzwa n’Umuremyi we wenyene mu mabwirizwa 10 Y’IMANA nkuko tubisanga mugitabu co Kuvayo 20:13.
Igitangaje, baba abategeka ubu n’abakera bose ico bahurirako n’ugukora amabi bama mumasengero kumurongo w’imbere bigatera kw’ibaza IMANA basenga iyariyo canke nimba badasoma ivyanditswe.
8°) Ivyo vyose vyazanye umuvumo ku gihugu, itituka ry’imibano hagati y’abonse rimwe ririyongera, guhemana, kwiyorobeka no gukunda amaronko vyatumye ABARUNDI n’iyo baba bahungiye baryanirayo.
Ukwo gutera IMANA DATA mw’isi muri rusangi no mu Burundi vy’umwihariko vyatumye abantu n’ubwo basenga buzura ubuzimire,uruhumyi rw’ Impwemu N’IMANA irabihorera ngo nimwaruha muzohinduka kanatsinda ngo IVYO URABIKORA IGAHORA UGASUBIRA IGAHORA UKIBWIRAKO MUHWANYE CANKE UKIBWIRAKO ITABIBONA CANKE YAKWEMEYE.
BARUNDI BARUNDIKAZI , NCUTI Z’UBURUNDI ,
Twisunze rero ko guhera kuntwaro ya cami ukageza kuri republika ya none atakarusho kigeze kaboneka,
Twihwejwe ko ubumwe bw’abarundi bwemejwe ABARUNDI ku nguvu kandi butabujije abarundi gushihana,
Twisunze ko amasezerano ya Arusha hakugira akarusho ahubwo yabayemwo akarenganyo, ububeshi, guhemana,ukugab
angana ibibanza, ubwiyorobetsi no kutayubahiriza n’imiburiburi,
Twisunze ko kuva kera bamwe n’abandi bamye bahohoterwa muburyo buteye ubwoba mumaso y’akarere n’amakungu, impunzi hanze ziguma ziyongera,
Twisunze ko abarundi barembejwe n’ubukene, ubworo, iterabwoba, abana bo mw’ibarabara batera barwira bakanahohoterwa, abapfakazi ntibagire kirengera n’abanyamahanga bakicirwa kubutaka bwacu (Zaburi 35:10),
Twisunze ko abarundi baburiwe kenshi bagakomantaza imitima, bagahinyura intumwa n’abavugishwa lmana nzima yarungitse,
Turavye uko usanga mu mabi yagiye araba mu gihugu abanyamadini n’amashengero bagiye barivanga mbere bagakorana n’ubutegetsi mu gukora ubwicanyi n’ayandi marorerwa,
Turavye ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ko hakuba umuhuza W’ABARUNDI ahubwo ryabaye ikirwanirwa, rizana impari zidahera, bamwe n’abandi bagira nkana ngo bikunde bashike kuvyo bashaka ata BUSHINGANTAHE n’ubugabo bwukuri burimwo ,
TWAGIRA tumenyeshe ABARUNDI N’AMAKUNGU u ivuka RY’UMUHARI wa POLITIKE (Politike itandukanye niyubu ahubwo imeze nkiyo ba DAWIDI, GIDIYONI, YOSUWA, NEHEMIE bakora muntumbero yo kubahisha IMANA) UMUHARI uje gushiraho INTWARO IVA ku MANA. INTWARO igendera ku burongozi BW’IMANA yo muremyi w’isi n’ijuru witwa MITHEBU mu mpfunyapfunyo y’igifaransa.[ MOUVEMENT D’INSTAURATION DE LA THÉOCRATIE AU BURUNDI.]
Dufatiye kuvyanditswe n’umuhinga W’UMUYAHUDI FLAVIUS JOSEPHUS yabayeho mu kinyejana ca mbere inyuma ya YESU KRISTO. Niwe yanditse ati « Mugihe umwana w’umuntu yashizeho ubwoko butatu kw’isi bw’intwaro arizo ;
1) INTWARO ya CAMI
2) UBUTEGETSI bugizwe N’AKARWI gato N’ABANTU bibona ko aribo bari hejuru y’abandi (Oligarchie)
3) INTWARO ya demokarasi
Ati ariko intwaro y’abayuda niyo yonyene yari ifise ubudasa kuko lMANA ariyo yarongōra ABANTU bayo ( THEOCRATIE ), ishiraho yonyene MOSE nayo IJAMBO ryayo nivyo vyagezwe vyabayobora kugeza ku ntwaro ya SAULI aho ABISIRAYERI bagarariza uburongozi bwayo. »
Muri rusangi ABARUNDI eka n’amakungu ararushe N’INTWARO zishingiye kuvyiyumviro VY’ABANTU ata n’ukwubaha ubuzima bwa kiremwamuntu, abantu bakakana uburenganzira bw’ifatiro bwo kubaho IMANA yaduhaye, dusavye abandi ibi bikurikira:
1) Kwihana no kugarukira IMANA nkuko ABANYANINEWI babigenjeje bamaze kuburirwa na Yona (Yona:3:5-8)
2) lsi yose N’IY’IMANA abantu bose mw’isi ni AB’IMANA kandi ibaha kuba ahishatse,yashizeho amoko n’imiryango yonyene ishatse kuko itavogerwa, muze dusabe ikigongwe kuko twaracumuye. (Ivyakozwe n’intumwa 17:26 & 2 Ingoma 7:14)
3) IMANA yarasezeranye UBURUNDI bwiza ,igihugu C’AMATA N’UBUKI N’IKANGURO ry’ubutumwa bwiza buzokwira ISI yose, n’uko IGIHUGU cacu kizoba akarorero mumahanga MUVY’ISHENGERO , INTWARO nziza,
KUBERA IZO MVO ZOSE, dusavye ABARUNDI bose gushigikira uyu MUHARI kuko nitutagaruka ku MANA tuzohona kandi turimbuke kuko benshi unomusi barihenda ngo bemewe ni IMANA ariko itabazi kuko iyo umu avuye MWIJAMBO RY’IMANA ARIRYO BIBILIYA, haba hasigaye ko ARIMBUKA.
Mwibuke ABISIRAYERI batumviye uburongozi BW’IMANA mu BUGARARWA ingene batashitse mugihugu c’Isezerano arico KANANI .
4) lcivugo cacu kigira giti :
« AMAHORO-ITEKA-ITERAMBERE-UBUT
UNGANE. »
Habuze amahoro mu gihugu kuko ABANTU babuze AMAHORO Mumitima yabo. Kandi kuko bataye ni IMANA bagakurikira izindi MANA.
Rero, iyo Mumitima habuze AMAHORO, araheza akabura no mu NSENGERO .
Habuze ITEKA kuko umuntu azira izuru, uko yavutse ubuzima bwiwe bukakwa agaciro, agahohotegwa, akangazwa, akanyagwa utwiwe, agakoregwa ABI yose akoregwa KIREMWA MUNTU kandi atariwe yiremye.
Habuze ITERAMBERE kuko igihugu cacu kugera kubice 60% ari urwaruka gusa ariko bakicwa badahawe umwanya wo kwiga ngo maze bakorere igihugu cabibarutse ngo banagiteze imbere.
Habuze UBUTUNGANE kuko intwaro zose z’ubu n’iza kera ata n’imwe irigera ishaka kumenya ukuri kubwicanyi bwabaye imbere yo kwikukira n’inyuma yaho, canke ngo ubutungane bufate bwongere buhane abakoze amarorerwa ahubwo bagakingiranira ikibaba muvyo bise « IMMUNITÉ » / ubudahangarwa.
IMANA Rugiravyose ikunda UBUTUNGANE kuko iragororoka, IRERA kandi IRATUNGANYE rwose. Turabasavye muvavanure n’izo NTWARO ataho zabakuye ata n’aho zabashikanye.
5) Turateye amoko yose (tubivuguko umwanya ubwoko butakugwaho), imiryango yose n’abemera IMANA UHORAHO bose mukuru no mu mpwemu, gutera intambwe yo kugira ubumwe bufatiye ku Muremyi umwe n’Umucunguzi wacu umwe.
Amacakubiri y’amoko,intara n’imigambwe ni ikirwanisho ca satani ariwe mugarariji wa mbere kugira bikunde muve ku Muremyi wanyu.
6) Turakebuye uwitwa wese IMBONERAKURE , INTWARAMIHETO N’ABAPOLISI eka n’uwo wese arwanya UBUTEGETSI ko ijambo RY’IMANA ritubuza gusesa amaraso Y’INTUNGANE , uwabikoze yihane. Mwibuke ko ingero ugererako abandi ariyo nawe uzogererwako. Kandi ntayindi mpongano y’amarasoso asesetse ataruko ayuwayasheshe aseswa.
Kubakiri mubuzi bwabo mu nzego Z’UMUTEKANO , murakora amarorerwa mwisunze ko muriko mushimisha ababatwara ngo bikunde muje ku ntonde z’abaja gucungero umutekano mu mahanga. Mwanka kwumva maze uwabatumye agaca abikorako ariho tuza twumva ngo tabariza kanaka bamufashe kandi nawe wari intwaramuheto ariwe wari gukingira abandi. Biteyisoni kumva umunyagihugu muto ariwe asigaye atabariza abitwa INTWARAMIHETO mbere nibiterasoni mwofuma muva murico GISIRIKARE apana kuguma mutezurubwa I GISIRIKARE.
7) Ubwanyuma turateye akamo urwaruka ngo ruze dukore turongowe N’IMANA yacu yaturemye kuko idufitiye umugambi udasanzwe muri iyi si. Ivyizigiro vy’amahoro birahari kandi turabijeje ko umwe wese nahamvya MITHEBU tuzokora n’amakungu akaza kuraba ibibaye i BURUNDI .
BARUNDI , BARUNDIKAZI , NCUTI Z’UBURUNDI, namwe BANYAMAHANGA muba mugihugu cacu. Turkana tubipfurije AMAHORO , ITEKA ,ITERAMBERE N’UBUTUNGANE kuri mwese!
IMANA ihangaze ABARUNDI bayumvira,ihangaze UBURUNDI BUSHASHA !
BIKOREWE IBUJUMBURA, kuwa 07/07/2017.
KUBWUMUKURU W’UMUHARI MITHEBU TUZOTSINDA YOSUWA.