Ingingo yafashwe n’ubutungane ntiyubahirijwe ku mukozi wa SOSUMO 

Umukozi w’ishirahamwe SOSUMO yari yahawe umwidegemvyo w’agategeanyo aracapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rutana, inyuma y’iminsi itandatu iheze hafashwe ingingo y’uko yorekurwa, kuko ata vyagiriji bikwiye vyari bihari kuvyo akurikiranwako.
Boniface Nibigira yafashwe kuva kw’igenekerezo rya 18 Rusama 2017 yagirizwa ko yimbishije ikinogo c’ugutamwo abantu bagandaguwe n’abadashigikiye ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mu mwaka w’2015.

Imbere y’abacamanza, uwo mukozi wa SOSUMO yari yasiguye ko ico kinogo cimbwe cari ico gutamwo imiti yataye igihe yakoreshwa kw’ivuriro ry’ishirahamwe SOSUMO, ariko umushikiranganji w’amagara y’abantu akaba yari yategetse ko iyo miti yojanwa guturirirwa ahandi.

Mu gihe Sentare itarashikiriza igituma uwo mukozi wa SOSUMO atararekurwa kandi ingingo yafashwe ari iy’uko yohabwa umwidegemvyo w’agateganyo, mu muryango wiwe bavuga ko ariko ararenganwa, bagasaba ko yorekurwa.