Michel Kafando ati sinje gutanga amahoro mu burundi.

Umhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA yabonanye kuri uwu wa mbere n’Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu Burundi Michel KAFANDO. Inyuma y’uwo mubonano, Edouard NDUWIMANA yamenyesheje ko Michel KAFANDO yemeyko agiye gukora ibishoboka vyose kugira yumvishe abanyaburaya ko ikibazo c’Uburundi bagitahuye ukutarikwo.
Inyuma y’umubonano bagiranye n’umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Mukakaro 2017, umuhuza w’abarundi yavuze ko intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu Burundi yavuze ko ataje gutanga amategeko mu Burundi, ariko aje kugira amenye ico abarundi biyumvira ku nyishu zotangwa ku kibazo c’Uburundi.

Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yamenyesheje kandi ko igikorwa bamushinze bakoranye neza bofasha mu gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi kandi mu maguru masha.

Umuhuza w’abarundi yamenyesheje ko ashima uko intumwa idasanzwe y’umunyamabanga w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU abona ibibazo vy’Uburundi, kuko ibibazo nk’ibiri mu Burundi vyabaye mu gihugu yari arongoye, aho yavuze ko ikibanza c’abashatse gutembagaza ubutegetsi kitari mu biganiro, nk’uko vyashikirijwe na Edouard NDUWIMANA, umuhuza w’Abarundi.

Michel KAFANDO, intumwaidasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi Umuhuza w’abarundi yavuze kandi ko bamuteye intege, ko mu gihe yoshobora kwumvisha abanyaburaya uko ibintu bimeze mu Burundi, bizera ko ikibazo cotora inyishu mu maguru masha, kuko ikibazo biboneka ko kiri hagati y’inzego za Reta n’abari basanzwe bafasha Uburundi.

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Mukakaro 2017, niho Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU yarangije urugendo yarimwo mu Burundi kuva kuwa gatanu igenekerezo rya 7 Mukakaro 2017.