Muhamagariwe mwese gusenga mwisengera, musengera ihanga ry’abarundi kuko intumwa za satani zo nticaye mugucafuza abakozi b’Imana gutyo bagashaka guteza urubwa umugambi wayo.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA ABARUNDI BOSE N’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO
I. INTANGAMARARA: Ihanga ry’Imana ry’abandi ABISEZERANO ntihakagire abaryitiranya n’imigambwe canke imihari ya politike. Ni abarundi bava mu ntara zose, ivyiyumviro vya politike bitandukanye, amadini yose n’imiryango yose yo muburundi Imana yagurukije ngo babohoze amasezerano Imana yahaye igihugu c’Uburundi. 

Mwese turabaramukije amahoro y’Imana tuti : Shalom!

Twagomba kubatumirira amasengesho y’inkomezi tuzokora buri wa gatatu no kuwa gatandatu (12na 15/07/2017)

II. ICO MPWEMU YERA YAHISHUYE KANDI YASAVYE ABARUNDI ABARI MUGIHUGU N’ABARI MUMAHANGA.

1. Imana yarabuze intwari yokoresha ibikorwa vy’ubuhizizi muvyo Impwemu, muvyo gutunganya igihugu ni muvyo umutekano. Abavuga ngo barabishoboye ntibayishirako umutima.

2. Ngo nimushireho ibicaniro vy’amasengesho biteramiye isezerano mu ntara zose vyiyongera kuvyo dusanganywe maze habemwo abinginzi ngo Imana murabe ivyiza igira ibakorere.

III. ISHIMIKIRO: « TWITANDUKANYE N’ABANYAMAHANGA -INTAKEBWA ZO MUMITIMA-DUSEZERANE N’IMANA IRINDI SEZERANO » Ezira 9:1-15; 10:3- 4
IV. IMITWARO YO GUSENGERA:

1. Kuba uwera (kwezwa)

2.kuba umuhizi mu bikogwa Imana iduhamagarira.

3.kuba uwushimwa n’Imana

4. Gusengera abariko barenganywa muburyo bwose

5. Gusengera abafise inzara n’inyota , bugarijwe n’ubukene buri mugihugu no hanze yaco.

6. Gusengera abari mumabohero atandukanye ari mugihugu c’Uburundi no mubindi bihugu.

7. Gusengera abari mu bitaro cokimwe n’abagwariye muhira mumihana itandukanye.

8. Gusengera I mpfuvyi n’abapfakazi, abana bo mwibarabara hamwe n’ababuze ababo.

9. Gusengera ab’isezerano bari mu ngedo z’ibikorwa bitandukanye.

10. Gusengera abafashe intumbero yo guhora bari imbere y’Imana basenga.

NB. Mwibuke gusengera abo Imana yahagurukije bose guhera kuri Dr Merlin Dusengumuremyi, ba Mose, ba yoshuwa, ba gidiyoni bose kuko intumwa za Satani ntakindi zikora atari kubacafuza no kubagwanya mugabo Yesu yaratsinze.

V. IVYO GUSHIKIRIZA UBURONGOZI

1. Ivyo Mpwemu w’Imana azoba yahishuye mumasengesho.

2. Abo mwashoboye kugendera n’agashishiro mwabashiriye. N’abarindiriye isezerano mwigishije bashasha.

3. Ibicaniro vy’abinginzi mwashoboye gushinga mukarere iwanyu.

**Bibwigwa benshi bikumva benevyo** Murakoze!

Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 11/07/2017

abisezerano @gmail.com

http://www.abisezerano.com

PS: musabwe kurungikira abagezi banyu uyu mutumiro w’amasengesho. Bose birabire ingene Uhoraho agira atabare Uburundi