Iryo gabisha n’iryo mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bw’Uburusiya bikaba vyanditswe mu kinyamakuru ca Daily Izvesta.
Mu kwezi kwa cumi na kabiri ubutegetsi bwa Obama bwirukanye abaserukira Uburusiya 35 bunigarura ivyicaro bibiri vy’iperereza ry’ico gihugu.
Izo ngingo ni izo kwishura kubivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora yo muri Amerika.
Uburusiya bwari busanzwe bwarafatiwe ibindi bihano na Amerika.
Ibirego byo kwiba amabanga muri Amerika: Obama yabwiye Putin kubihagarika
Uburusiya bugiye kwirukana abaserukira Amerika 35
Ubutegetsi bwa Trump buriko buragirwako amatohoza kubera ibivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora y’umwaka uheze, ariko ico gihugu kiguma kibihakana.