UBUZIMA NI IJAMBO.

_Ijambo ry’umusi:_ « ` »Imana y’ibitangaza! »« `       *Pastor Yves-Bennet H*

_*Luka 1:37* kuko ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha. »_

Aha kw’isi abantu benshi wobabaza ukuntu ijambo ry’Imana rishika kw’isi ariko ntibakwishure ukishurwa na bake abandi nabo nuko batabazi.

Imana ishimwe ku bantu bakurikirana ubuzima ni ijambo ku musi ku musi kuko mwebwe muramenya n’ibihishijwe.

Iyo usomye bibiliya ijambo ry’Imana ritubwira neza ko amajuru nay’Uhoraho isi nayo yayihaye abana b’abantu *(Zaburi 115:16)* bisigura ngo Imana aha kw’isi icizokora izorungika ijambo ryayo gusa gusa mbega ijambo ryayo rizoshika ngaha kw’isi gute ko isi yayigavye?

Kuva mw’isezerano rya kera Imana ntiyigeze ibwira abantu uretse ko yabwira umuntu umwe ngo genda uvuge uti ni k’Uhoraho agize bisigura ngo Imana kuva kera yavugira mu muntu hanyuma uwo muntu agaca avuga nk-Imana nyene ngaha kw’isi kandi abantu bamwumva nk’Imana nyene ivuze kandi ijambo yavuga ryagira ububasha kuko ryaba rivuye k’Uhoraho nyene.

Raba ba Samweli mw’irobanura, Ezechiel ku magufa, Daniyeli asobanura inzozi, Mose agenda kwa Farawo, Yohana mu bugaragwa aba bose hamwe nabandi nabashikanye ijambo ngaha kw’isi ryaba rivuye k’Uhoraho.

Ikibazo mfise mbega wewe iyuriko uravuga uvuga ijambo ukuyehe? Icaremwe gishasha coco giteye ubwoba kuko Imana iba murico bisigura ntan’inkuru zirenze kukubwira ijambo ry’Uhoraho gusa.

Abantu benshi hari ibibazo n’ibigeragezo biriko birabakanga canke se biriko biratuma borira ariko ivyo bigeragezo bakanasenga aho kubibwira ijambo ry’Uhoraho gusa wovuga ijambo ry’Uhoraho itarikubwiye?? Mbega yorikubwira gute utavugana nayo? Yovugana nawe gute utafashe umwanya wo gusenga?

Imana iracakora ibitangaza ntirahagarika ikibazo ni wewe ikibazo sic’Imana!!  

*KURIMBURA:*

Matayo 17:20, Mariko 9:23

*ISENGESHO:*

Ndagushimiye Uhoraho mana yanje ku buzima bwawe, ndagushimiye ko waje kumbamwo aho mbayeho ubuzima butari rwanje ariko mbayeho ubwawe buzima niyo mpamvu ndagushimiye kw’ibitangaza binyitaba kuko mvuga ijambo ryawe ntakindi mvuga mw’izina rya Yesu amen!

​​ ​ *….ubuzima si ikinyegezwa ubuzima buri mw’ijambo.​​​*