Mburugu yari isigaye ari ikibazo gikomeye kuko imaze kumenyera imiti ya antibiotique
Abahinga bo mu gihugu ca Nouvelle Zelande berekanye ubwa mbere ko hari urucanco rushobora gukinga ingwara ya mburugu(Blenorragie).
Hari ubwoba ko mburugu yariko irasa n’ingwara idashobora kuvugw kuko imiti ya antibiotique ata co yari ikivuze kuri yo.
Ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS ribona urwo rucanco nk’agakiza mu guhagarika ikwiragira ry’iyo ngwara ya mburugu.
Umuti wakoreshwa ubu wamara imyaka ibiri gusa
Ku vyigwa vyagizwe ku rwaruka 15.000, biri mu kinyamakuru Lancet, vyerekana ko iyandukizwa ry’iyo ngwara ryagabanutse kuri kimwe ca gatatu.
Abantu imiliyoni 78 bandukirwa n’iyo ngwara ifatira mu bihimba vy’irondoka buri mwaka, kandi ishobora gutuma batavyara.