Abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade yatewe muri zone Bwiza mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko iyo gerenade yatewe n’umuntu atamenyekanye yari mu modoka yo mu bwoko bwa « Camionnette ».
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE ashikiriza kandi ko hari gerenade zatowe ku musozi Gamvyi, komine Mutambu, intara ya Bujumbura.
Mu giporisi bavuga ko izo gerenade zari zinyegeje mu gashamba.