Shabani Osman NDAYISHIMIYE yafatiwe mu Kirundo ariko agerageza guhungira mu Rwanda adatanze agahembo k’umuririmvyi Koffi OLOMIDE none ubu yashikanywe i Bujumbura.

Umwe mu batunganije ivyo biteramo vy’umuririmvyi Koffi OLOMIDE, Osman Shabani NDAYISHIMIYE, akaba n’umukuru wa Empire Media ishirahamwe ryatunganije ibiteramo vya KOFFI ari nawe yategerezwa kumushikiriza amafaranga yakoreye, ariko mu nyuma afatwa ariko agerageza gusohoka igihugu, yamanukanwe mu gisagara ca Bujumbura. Osman Shabani NDAYISHIMIYE yafashwe ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, afatirwa mu ntara ya Kirundo ariko arondera kwinjira mu Rwanda, yongera (…)

Umwe mu batunganije ivyo biteramo vy’umuririmvyi Koffi OLOMIDE, Osman Shabani NDAYISHIMIYE, akaba n’umukuru wa Empire Media ishirahamwe ryatunganije ibiteramo vya KOFFI ari nawe yategerezwa kumushikiriza amafaranga yakoreye, ariko mu nyuma afatwa ariko agerageza gusohoka igihugu, yamanukanwe mu gisagara ca Bujumbura.

Osman Shabani NDAYISHIMIYE yafashwe ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, afatirwa mu ntara ya Kirundo ariko arondera kwinjira mu Rwanda, yongera aranakomereka ariko agerageza guhunga mu gukoroka mu modoka yari yurijwemwo n’igiporisi.

Uwo yategerezwa guha umuririmvyi Koffi OLOMIDE amafaranga yakoreye mu biteramo yaremesheje i Bujumbura, mu nyuma afatwa ariko agerageza guhunga atarishe uwo muririmvyi, yahagaritswe n’igiporisi yagirizwa ko asubiriye kwiba akoresheje amayeri.