Ubwato butwara abasirikare b’Ubushinwa buriko buragana igihugu ca Djibouti gushinga ikimabi ya gisirikare y’Ubushinwa ya mbere mu kindi gihugu.Ubushinwa buvuga ko iyo kambi yo mu gihugu ca Djibouti izokoreshwa mu gucungera amahoro n’abantu ku mugabane wa Afrika hamwe no mu burengero bwa Asia.
Ufasha kandi mu bijanye n’imigenderanire, imyimenyerezo hamwe n’imfashanyo za gisirikare zo gutabara.
Ibihugu vyo muri BRICS ngo bigomba kurwanya iterabwoba
Ubushinwa burashora imitahe mu bihugu vya Afrika kandi yarateje imbere cane igisirikare cabwo muri iyi myaka ya vuba.
Itororokanirizo ry’amakuru rya Xinhua rivuga ko ubwo bwato bwahagurutse ku kivuko ca Zhanjiang mu ntara yo mu bumanuko ya Guangdong ku musi wa kabiri.
Ntiryavuze igitigiri c’abasirikare canke ubwato bwagiye muri Djibouti canke ryari iyo kambi izotangurira akazi kayo.
Ubushinwa bwemereye Afrika za miliari
Xinhua rivuga ko iyo kambi yashinzwe hakurikijwe ibiganiro vyabaye hagati y’ivyo bihugu bibiri.
Iyo kambi iboneka nk’intambwe ico gihugu giteye co gushaka kugira ijambo muri ako karere.