Imburi ku gihugu c’uburundi: igihe c’umugisha/ Eric Shima.

I. IGIHE UMUGISHA UZIYEMWO N’INGENE UZOZA “Raba uyu musi mbashize imbere umugisha n’umuvumo: uwo mugisha muzowuhabwa ni mwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho, Imana yanyu, ivyo mbagera uyu musi; uwo muvumo muzowuvumwa ni mutumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugakikama mugata inzira mbagera uyu musi, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya” Gus.11:26-28 

Uhoraho ati: “Nshenye Arusha, imigambwe na demokarasi”. Uhoraho arongera ati : “Je refuse les urnes ethniques”. Ni ukuvuga ngo : « ndiyamirije amatora ashingiye ku moko». Twihweje ingene isi itwarwa muri bino bihe, ntitworeka kuvuga ko amajambo nk’ayo atsitaza. Ariko atsitaza abanyamubiri bagumiza ubwenge ku vyo biyumvira. Muri ino si hari ubwami bubiri, bumwe n’ubw’umwe yikakisha ataco ashoboye ku batoranijwe, Satani, ubundi ni ubw’Uhoraho, umwe yakororera Satani i kuzimu. Ubwo bwompi burwanira abantu mw’isi. Abagize ya Pasika y’ukuri imwe yakorwa na Kristo Yesu mu kwemera ivyabaye ku mu saraba no mu kubatizwa mu mazi menshi bakagwatirizwa Mpwemu Yera, bakemera kuba mu burongozi bwiwe, ni bo bari mu bwami bw’Imana. Abo, ivyo baravyumva bakanavyatura mu bagararije no mu bitazi. Abo ni nabo bazi ubwenge kuko Bwenge ni Kristo, kandi Danieli yavugishijwe kuri bo ati : Abazi ubwenge bazobitahura.

Abagikora pasika nyinshi, zimwe zo kubaga amasake no kunywa amayoga mu tubare, Yesu yongeye gupfa, uko umwaka utashe, naho nyene tweho tuzi ko atazongera gupfa, ahubwo ari mu bwiza bwiwe, gushika igihe azogarukira, abo, barumva ayo majambo bagatangara. Kuko baguwe neza mu vyo ubwenge bw’abantu bwashizeho. Kuko bakiri mw’isi mu buryo bw’impwemu, naho buzuye mu madini atandukanye basengeramwo bahimabaza za Noweli, bakumvira umunezero mu birori bakora bakikuje wa mudayimoni Père Noël, ari abitwa ko bakijijwe n’abadakijijwe, baguwe neza mu vyo isi yashizeho. Ntituyobewe ko imigambwe, demokarasi canke intwaro ishingiye ku moko atari Abarundi babishizeho, ariko, akagwi k’abantu bafise inguvu nyinshi kuzuye umugararizo wo kuganza isi, ni ko kabitegekesheje isi n’Uburundi urwenge rwinshi, kugira bashikire ivyo bifuza vyo kugenzura canke gukontorora isi, bayikoreshe kandi banayisoromemwo ivyo bashaka. Mbivuze muri make ariko ni birebire. 

Senge mwumve n’ivyo ntavuze. Iki ni igihe ku Mana co gufukura ivy’ayo mabanga isi imaze igihe itwarirwamwo, abantu bakibaza ingene ibihugu bitunze kurusha ibindi ubutare, agataka, amazi, ibiti, na peterori vyo muri Afurika ari navyo bikenye kurusha ibindi mw’isi. Ve mw’itiro musenge mubaze Imana ivuga. Jewe ubwanje nanje nigiye ivya politiki, International peace studies, mu kingereza, ariko ntivyampaye kubimenya, ntarasenga ngo Imana ivugane nanje. Iyo utarasenga, ibindi vyose, bagenzi, ni imana z’igiti. Abize n’abatize, ce bugufi musenge iyarungitse ba Daniyeli gusigurira inzozi umwami. Kwiga ni vyiza, mbere ni vyiza cane. Ariko Daniyeli nta MPhil, Msc, canke PhD. Yari afise. Ayo ni ama diporome abaminuje cane bafise bakibaza ko bari n’ico bazi.

Muti none ibi vyose bizoba Uburundi burongorwa na nde ? Ugiye kurongora igihugu sindamubwirwa neza, ariko Imana yaranyeretse ubwa mbere bamwe mu barongora batatu bakomeye bishwe. Haba uruhagarara, biboneka umengo ubutegetsi burakuwe. Ivyo bishobora kuba igeragezwa ryo gusengerwa kugira ngo urupfu rutari mu buryo bw’ivyo Imana ishaka ruveho.

Uguhindukirira Yesu mu kuri kw’abavugwa gushobora guhindura ibintu nk’uko Uhoraho abivuga muri Yeremiya 26 :1-6. Kuko ikiraje ishinga Imana si uko abantu bapfa, n’uko bigarura, nayo ikareka ibibi iba yamaramaje kubagirira. Umuvugishwa rero arashobora kuvuga ko Bitumva azopfa agapfa, akavuga ko Ntezamatwi azohambwa nabi kubera ububegito bwiwe, ntanapfe kubera yihanye ububegito bwiwe. I Ninewe bihanye Uhoraho yarahagaritse ivyago yari yamaramaje kubagirira. Nimba rero Abarundi bimonogoje mu kibi bariko barihana, abicwa n’abibwa n’abafatwa ku nguvu, n’abafatirwa ubusa, n’ababesherwa, bazobimenya. Si Imana gusa. Iyo nayo ica imanza, izobaharira. 

Ikinezereye n’uko nashoboye kuburira abo bavugwa, ukuri kwose bakaba bakuzi. Ikindi, nabonye Nyangoma aje mu Burundi akakirwa n’abagore babiri. Ivyo bishobora gusigura vyinshi, kimwe muri vyo kukaba ari ukwakirwa n’imigwi ibiri y’abantu batavuga rumwe, bakumvikana kubana musi y’uburongozi bumwe. Umugore ni ishengero, kandi ishengero ry’Uburundi, ubu riboneka ryiciyemwo kubiri : bamwe barumvira ubuhanuzi buva ku Mana bagakora ivyo isaba kugira ngo bajabuke, abandi baguma batoteza abakozi b’Imana ngo baragumura abandi kuko batariko bavugishwa ivyo bo bipfuza muri kameremere zabo zatewe n’ingese zo kutumvira Imana. Imana ifise umugambi w’ukutugira umwe. Kugira ibishikeko, igiye gukorora imvura nyinshi cane ivanze n’urubura kugira ikomvomvore mu mitima yacu ivy’idakunda vyose bidutera ubugarariji. Ivyo, uvyiyambura ubu, imvura ntaco izomugira. Ariko uvyigumizako, akabwira Imana ati : « N’utwiziguruke » nk’uko Abisirayeli bigeze kuvuga, bakavuga bati dufise imana zacu, niyo mafaranga, n’ibirwanisho, n’abapfumu bacu, n’abadushigikiye, abo, sinobasiga inkore ku maso, Imana ntindandurane nabo, iyo mvura irabahitana nta kabuza, ibahitanane n’ababatera akaborerwe, uko boba bakomeye uko ariko kose. 

Jewe numva ikinfitiye ikimazi atari kumenya uwimirije gutwara uwo ari we ; icompa hakaza uwo ari we wese Imana yo mw’ijuru iriko iritegurira. Ahubwo igifise ikimazi ni uko iyo mvura ivugwa yoza namaze kwiyambura ivyankwa mu nyonga z’Imana. Nawe nguteye intege, wiyambure amacakubiri, ubwicanyi, ishari n’inzigo, ubusuma bwatabaguye Uburundi haraheze igice c’ikinjana, ukurya ibiturire n’ukubitanga, kuvugishwa ibinyoma (kuvugishwa ivyo bibiriya yera itavuga), kuraguza, kuroga, gukwegesha ubutunzi icubahiro n’ubutegetsi. Ivyo vyaboheye Uburundi n’Abarundi mu maboko y’umwansi w’ikuzimu. Ivyo ni vyo bitumye Uhoraho yisidukira. 

Nfatiye ku barongoye igihugu bose kugeza uyu musi, batatu muri bo berekanwa nk’abimonogoje mu kuraguza, banatanga amaraso y’ibimazi vy’Abarundi kubera inyungu zabo. Bamwe muri bo narabandikiye. Mbateye intege ngo bihane, begere abakozi b’Imana bakijijwe atari ba nsumirinda kandi atari abanyedini, babafashe. Ikimazi Yesu yatanze gisumba ibimazi vy’ampfizi n’ivy’abantu abarondera ubutegetsi batanga, kandi vyoza ivyaha rwose. Banguka, ubwato bugira bwugare, niko Uhoraho yanyongoreye mu mpera z’ukwezi kwa gatatu 2016. Mbona umuryango uriko urugara. Soma Itanguriro 6: 1-14 na Itanguriro.7:10-12, hama mwinjire mu bwato vuba. Kuko, ehe, raba, Imana yashingiye ikintu cose igihe caco, niko umusiguzi avuga. Avuga neza na neza ati: « Hari igihe co kuvuka n’igihe co gupfa; (…) igihe c’intambara n’igihe c’impore ». Umus. 3 :2-8. 

Ubwato bwa mbere Nowa yabukoze igihe kirekire, ategetswe uko abukora n’ubwoko bw’igiti abukoramwo. Ubwato bw’ubu, Imana ishimwe, burakoze, buhinguwe neza mu giti cisa mu bindi vyose kandi ciza, catoranijwe n’uwaremye vyose. Utudirisha n’irangi, eka mbere n’ibiribwa muri bwo, vyose birateguye. Ubwo bwato ni Yesu Kristo. Amen. Umwe yabwira wa munyasamariyakazi ati: “Nyizera, nyina wanje” (Yoh.4 :21), ijambo n’uyu musi ritarumvikana. Uyo mugore yariko abaza Yesu aho kwinjirira ngo yemerwe. Iyo nyishu n’ubu yanse kubumba abantu, ni co gituma bariko bitunganiriza amadini ha kwinjira mu bwato, ari bwo shengero rimwe gusa mw’isi yose ryashizweho na Yesu, akarishirishaho kubambwa ku musaraba, yitanze wese. Itange mu vyanyu namwe muronke umugisha. 

Manika ivyanyu nk’uko Yesu yamanitse umubiri wiwe, muronke umugisha uva mw’ijuru. Manika inka 20 mu nka ijana zawe usohore abarwariye mu bitaro, manika uruzu rwawe rugerekeranye, usomeshe nk’abanyeshure ama jana abiri ; manika inzu zawe utabamwo abakene bazibemwo ku buntu, manika imiduga yawo iparikinze mu rugo yunguruze abariko bavuga ubutumwa mu kuri mu gihugu cose. Manike ivyanyu, banyedini mwe, ivyo mwumiyeko mukizivya amatwi, Uhoraho amanure ivyo yasezeraniye abayikunda. Luka 18 :18-27 : Umutunzi. 

Bakundwa ba Isirayeli ya kabiri, ibi biroroshe kuvuga kurusha gukora. Mvuga uku nanje nniha, nifuza ikinkura aho ngeze. Kuko Imana idahinduka, ico nzi ni kimwe : n’uko ico yabwiye urya mukuru w’isinagoga w’umutunzi, ari naco ibwiye n’umunyedini arongoye idini ry’uyu musi, n’uwundi wese yifuza kujabuka. Ico nyene nico akubwiye wewe uriko urasoma, kuko ijambo ry’Imana ari rizima ritavugana n’abapfuye, ariko rivugana n’abazima, ubu rivuganye nanje. Nimba udahajije unsengere. Ikibazo n’uko hari abitwa ngo barizera, basamye gusa barindiriye manu iva mw’ijuru, ariko bakanka kugira ico bamanika, ngo Uhoraho agire ico amanuye. Bene abo barangwa n’aya majambo y’abuzuye ukwifuza avuga ati:

▪ Hewe vya bintu ni ryari?

▪ CNARED izoza ryari ?

▪ Naka azopfa ryari ?

▪ Twa dusore tumaze imisi tutumena amatwi muzoducira imitwe mu gasho ryari ?

▪ Naka azohabwa amasaha 24 ryari turonke amahoro ?

▪ Hewe, ntaco urerekwa ?

Bene abo ntibanyotewe kwihana kugira ngo Imana yishure, banyotewe ko hagira bamwe baca amazosi abandi kugira ngo bime. Ariko nimba mukeneye ico neretswe, ntikinabuze, neretswe urugi rw’ubwato ruriko rurugara. Injira muri Kristo, uve mu rusaku. Ibihe ni ivy’Imana kumenya. Abinjiyeyo n’uyu musi turi mu mugisha, kuko dufise amahoro ibibomborana bibomborana. None umugororotsi ntabaho umwansi atarinze gupfa kugira ngo ukugororoka kw’Imana guserurwe n’ibinoko ataco vyotera ubwoba ? Ikindi namenye, n’uko musi y’izuba twese turi ibumba mu kiganza c’Uhoraho (Yeremiya 18 :1-17). Kura ibinoko ku mwansi, Uhoraho akurwanirire. Rangamiza mu kirere wirabire ayo mafarasi atagira amababa ; ntasubira inyuma atakoze icayazanye. Mbega ko mu mburi ya mbere n’iya kabiri, nayabonesheje amaso y’impwemu, abakerebutse bakaruhira kubonesha amaso y’umubiri ibicu ashushanijwemwo mu kirere co mu Rwanda, abandi i Burundi, mbega izigaragara ntizije ? 

Ariko abihanganye múnezwe ico Imana ikora, atari ico abantu bakora (kuko ataco umuntu azokorera igihugu atagikoreshejwe n’ijuru), abatariko bihamagarira ikiza ngo ni kize (kuko atari umusi wo kurya no kunywa ariko ari uwo kugendera mu bitenga vy’amaraso), ariko baduze ku munara muremure bambaza iyimika abami ikabimukurura bayibwira bati : shitsa ivy’ubugombe bwawe kw’ihanga ryawe wahisemwo, abo, izuba ry’ubugororotsi rigira ribakire, inkota ya Ezekiyeli 21 ihéjeje igikorwa cayo. Umuco uraza abansi b’Imana bahunge igihugu, maze iterambere rirabishwa amaso rikurikire. Mube maso ntimubidibamemwo, kuko Umwami atazoteba guhwikira, ayandi mashurwe acama izindi mbuto. Ivyo bitaraba, ama urukundo. Amen.