Intwazangabo zitatu zirukanywe mu gisirikare c’Uburundi 

Intwazangabo zitatu mu gisirikare c’Uburundi zirukanywe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu no 100/139 ryo kuwa 6 Mukakaro 2017.
Abo birukanywe ni Major Clement HAMENYIMANA,Major Flora KWIZERA na Capitaine Evariste NKUYEHASI.

Izo ntwazangabo zitatu zirukanywe hisunzwe amadosiye ajanye n’intwaro hamwe n’indero araba abo basirikare,hisunzwe kandi ivyasabwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi n’abahoze ku rugamba.