Ngagara : Uwunguruza abantu akoresheje ipikipiki yishwe arashwe 

Nizigiyimana Renovat asanzwe akora akazi k’ukwunguruza abantu akoresheje ipikipiki yishwe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu muri zone ya Ngagara muri karitiye ya cumi.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo Nizigiyimana Renovat yarashwe n’umwe mu bantu babiri yariko yunguruza kw’ipikipiki akoresha, iyo nayo ikaba yaciye yibwa n’abo bantu.

Uwagandaguye uwo akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje ipikipiki ntarafatwa.