Umupfasoni umwe wo mu gihugu ca Nouvelle Zelande yapfuye mw’izinga rya Caraibe inyuma y’aho umuyaga uva mu moteri y’indege umukubitiye hasi.

Umuyaga w’indege wishe umupfasoni muri Nouvelle ZelandeIvyo vyabereye ku kibuga c’indege kizwi kw’izina rya Princess Juliana kiri ku metero zike uvuye kw’ibahari.

Abantu bariko barinezereza kw’ibahari barashobora gutambuka gushika kuri ico kibuga kuraba ingene indege ziguruka.

Igipolisi kivuga ko uwo mupfasoni w’imyaka 57, yari afashe uruzitiro rw’ico kibuga c’indege imbere y’uko umuyaga mwinshi uvuye mu motori umuhenurira inyuma, aho yaciye akomereka cane.

Yaciye anyarukanwa kwa muganga ariko mu nyuma yatinze yitaba Imana.

Ako karere karakunzwe n’ingenzi kubera indege zica hagufi cane imbere y’uko zigwa kuri ico kibuga c’indege kiri hagufi cane.

Ibarabara ry’indege riri ku metero 50 uvuye ku ruzitiro zikaba ari nk’izo metero nyene uvuye kw’ibahari.