Itangazo ry’umuhari « ABISEZERANO » tujanye no kubeshuza ibihuha abananiwe no kugendera ku rutonde rw’Imana bagenda barakwiragiza ngo bavune imitima y’abiteguriye gutabagwa n’Imana.

Umuhari w’Abisezerano urabeshuza w’ivuye inyuma amateshwa, ububeshi n’urwanko rukwiragizwa kuri za whatsapp  n’abananiwe kugendera kurutonde rw’Imana. Bamaze kwirukanwa mubikogwa vy’umuhari ABISEZERANO, baciye bafatwa n’isoni n’ubwoba bigira inama yo gusambura umugabi batazi uko watanguye Umugambi w’Imana. 

Muti mukubirukana mwabahoye iki? Twategura ibikogwa vyo kubohoza uburundi bushasha bw’Isezerano nabo bagategura gutera amagrenades mumasengero, mu bunywero no no kumiduga itwara ingenzi. Ivyo nta Murundi w’umutima yovyihanganira.

Mukumaramara kwabo bandika kuri uyu n’uruya ngo nibo bari kwisonga ry’umuhari bagaca bahindukira ngo bakorana na Petero Nkurunziza. Muri ukwo kumaramara Baranagiriza abo biyumviriye bose yuko bagize uruhara mu mpfu zashikiye abanyamuhari. Ukwo ni ukubakora munkovu. Amazina yizo njavyi n’amafoto yazo zose tuzoyabashikiriza nivyakenegwa.

Umuhari abisezerano uramenyesheje abarundi n’abanyamahanga yuko utazotenguha ku gushikana abarundi bose mugihugu c’uburundi bushasha bw’Isezerano.

Ni dusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.

Murakoze!