Leta y’uburundi ngo ntizokwemera ivyegeranyo bikozwe harimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi kunguvu.

Umunyamabanga akaba n’umuvuguzi wa Reta Filipo NZOBONARIBA amenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwigera yemera ivyegeranyo bizokorwa ku Burundi,harimwo uruhara rw’abashatse gutembagaza ubutegstsi.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017,Filipo NZOBONARIBA avuga ko Reta y’Uburundi izokwama yiyamiriza ivyegeranyo bikozwe hakorewe ku nkuru z’ibinyoma.

Muri ico kiganiro,Filipo NZOBONARIBA amenyesha ko Reta idashobora kwemeza ko vyose bigenda neza mu bijanye n’agateka ka zina muntu,ariko ko haba akarusho ku munsi ku munsi.

Yavuze ati :« Reta y’Uburundi ntishobora kwemera icegeranyo gikozwe n’ishirahamwe FIDH ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi,kuko ico ishirahamwe FIDH rikorana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi. »

Filipo NZOBONARIBA avuga ko ivyegeranyo vyandikwa ku Burundi biba bifise aho bihengamiye,kuko abahinga bavuga ko bakora ivyo vyegeranyo bemera bo nyene ko bakorera ku vyatohorejwe mu bihugu bibanyi.

Umunyamabanga akaba n’umuvuguzi wa Reta akemeza ko Reta izokwemera icegeranyo conyene kizoshikirizwa ku Burundi,ataho gihengamiye.

Mu ntumbero yo gukomeza agateka zina muntu,umuvugizi wa Reta akaba n’umunyamabanga wayo Filipo NZOBONARIBA asaba abafise amabanga bajejwe mu gihugu kudakoresha ibibanza bafise mu guhonyanga agateka ka zina muntu.