Muramvya: abantu bakomeretse mwisanganya ry’Imodoka.

Abantu batanu nibo bakomeretse cane, mw’isanganya ry’imodoka ryabereye ku mutumba Mucece,uri muri Zone Gatabo, ya komine Kiganda,mu ntara ya Muramvya kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017.
Amakuru ava aho mu ntara ya Muramvya,amenyesha ko iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha icumi n’igice zo kuri uno wa kane, aho imodoka yo mu bwoko bwa Hiace yata ibarabara ica itembagarira mu manga.

Mu giporiri baremeza ayo makuru, umuvugizi w’igiporisi abicishije ku buhinga ngurukanabumenyi yamenyesheje ko iryo sanganya ryavuye ku buhinga bwo guhagarika imodoka butakora neza.