Umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE avuga ko hari abafatwa n’abajejwe umutekano, bagakorerwa amadosiye,bafise n’ivyemezo ariko haheze iminsi mike bakarekurwa n’ubutungane.
Mu burorero bwatanzwe n’umuvugizi w’igipolisi,harimwo Osman NDAYISHIMIYE yagirizwa kwiba akoresheje amayeri escroquerie,yafatiwe mu ntara ya kirundo ariko agerageza guhunga iguhugu agiye mu gihugu c’Urwanda,afise imiriyoni 150.
Umuvugizi w’igipolisi yavuze ko Osman NDAYISHIMIYE ari mu bacafuze ishusho y’igihugu kuko yakoze ibikorwa vyinshi yiba n’amafaranga menshi abantu n’amahinguriro atandukanye.
Pierre NKURIKIYE yavuze k Osman NDAYISHIMIYE yafashwe mu gihe asanzwe afise amadosiye menshi amukurikirana mu butungane ajanye n’ubusuma.
Akandi karorero k’abahagaritswe bagirizwa ubugizi bwa nabi hanyuma bakarekurwa n’ubutungane ni NYANDWI Deogratias na NDIKUMANA Protais bafatiwe i Nyanza Lac bafise inkoho,ariko mu nyuma barekurwa na sentare isubiramwo imanza y’intara ya Bururi.
Umuvugizi w’igipolisi avuga ko bibabaje ko abantu baba bahagaritswe bagashikirizwa ubutungane hatanzwe n’ivyemezo akaba aribo bagaruka guhungabanya umutekano.
Umuvugizi w’igipolisi asaba ko abajejwe umutekano iyo bashikirijwe inkozi z’ikibi bobakurikirana bakabaha ibihano bibabereye kuko igihe barekuwe baca bagaruka kwigamba,bagasubira no gukora ivyaha.