Nzobonariba Filipo: « Haracari abacamanza bagikoreshwa » 

Inyuma y’imyidogo y’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ko hari abantu bahagarikwa bafatanywe itonga bagakorerwa amadosiye n’igiporisi, haheze iminsi bakarekurwa n’ubutungane mu buryo butazwi, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta Firipo NZOBNARIBA amenyesha ko Reta y’Uburundi yatanze intumbero ko umucamanza azofatwa ariye igiturire azohanwa hisunzwe amategeko.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017, Firipo NZOBONARIBA yavuze ko Reta izi ico kibazo kandi yaravyumvise ko hari inkozi z’ikibi zirekurwa n’ubutungane kandi zafatanywe itonga, ariko ko ari intambamyi n’urugamba Reta yamamwo.

N’ aho hari abarekurwa, Firipo NZOBONARIBA avugira Reta y’Uburundi avuga ko bidasigura ko abakora ivyaha badahanwa, kuko yaba igiporisi canke ubutungane ivyo bisata vyose bikora neza.

Firipo NZOBONARIBA amenyesha ko namba hari inkozi z’ikibi zirekurwa mu buryo butumvikana kandi zafatanywe itonga, ata nkeka ko hari abacamanza bagikoreshwa n’abandi bantu batazwi.

Yagize ati : « Hari intahaha canke bafise ababakoresha bari hanze, babasaba gukora ibikorwa bitukisha ubutungane kugira bace babajana mu bindi bihugu. Intumva ziriho kandi ziravuka, ariko ntibizokwijana. »

Ku bijanye n’abarekuza abantu bavuga ko ari amategeko avuye hejuru, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi yavuze ko ata hejuru habaho ku mucamanza, kuko ikiri hejuru ari amategeko.