Ikiziga c’umuntu ataramenyekana catowe kuri uwu wa gatanu kimanitse ku kigi mw’ishamba cimeza rya Nkayamba riri mu ntara ya Rumonge. Ico kiziga cari kimaze kwononekara.
Abanyagihugu begereye ahatowe ico kiziga ntibashoboye kumenya uwo muntu yagandaguwe, bakibaza ko yoba yiciwe ahandi, mu nyuma akazanwa kumanikwa kuri ico giti.
Abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge bamenyesha ko amatohoza yatanguye.