Bujumbura:Amashirahamwe akura imicafu mu ngo asaba umubonano n’umukuru w’igisagara 

Inyuma y’ishingwa n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ry’ishirahamwe rishasha rikura umucafu mu ngo mu gisagara ca Bujumbura BCCO, amashirahamwe 18 yari asanzwe akorera muri ico gisata amenyesha ko afatwa nabi mu bikorwa vyayo.
Umushingwamanza Jean Marie Vianney Nshimirimana aburanira ayo mashirahamwe amenyenyesha ko mu ntumbero yo kuganira kugira batore inyishu, bandikiye incuro nyinshi umukuru w’igisagara ca Bujumbura bamusaba umubonan,ariko atigeze abishura.

Jean Marie NSHIMIRIMANA avuga ko amashirahamwe aserukira ata kibazo na kimwe afitaniye n’ ishirahamwe SETEMU rijejwe gutunganya isuku mu gisagara,kuko imiduga y’ayo mashirahamwe 18 abandanya kujana imicafu muri zone Buterere, aho basanzwe bayishira.

Ayo mashirahamwe 18,amenyesha ko batewe impungenge no kubona imiduga yabo ihagarikwa n’igiporisi, abakozi bayo nabo bagafatwa nabi,mu gihe ayo mashirahamwe asanzwe afise amadeni yasavye mu mabanki.

Ayo mashirahamwe nyene amenyesha ko kubera iy ngingo abantu 500 bazotakaza akazi