Abajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Kenya bavuga ko hari abantu 33 biketswe ko boba barwaye indwara ya Cholera, mu bitaro biri ku murwa mukuru Nairobi.
Ibinyamakuru mu gihugu ca Kenya vyamenyesheje kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017,ko hari abashikiranganji babiri bajanywe mu bitaro inyuma yo gufungura mu birori vyabereye i Nairobi.
Naho biri ukwo, ntivyamenyekanye vy’ukuri ko ari cholera canke ari ivyo bafunguye bitari bimeze neza.
Mu kwezi guheze, abantu baharurwa mu majana banduye indwara ya cholera ,bahejeje gufungura mu nama imwe ku bijanye n’amagara y’abantu yabereye i Nairobi.