AJUDC : Urwaruka rwijukiye ibikorwa vyo mu mashirahamwe rwotera imbere. 

Urunani rwurwaruka rwishinze kwiteza imbere biciye mu runani rumenyeshako urwaruka rukuye amaboko mu mpuzu rukaja mu bikorwa vyotuma ukubura akazi mu rwaruka bigabanuka.
Egide IRAKOZE arongoye AJUDC(Action des Jeunes Unies Pour le Developpement Communautaire) amenyesheka, ko kubera urwaruka ruhura n’ingorane yo kubura akazi, rushoboye kwishira hamwe vyotuma rushira mu bikorwa ivyiyumviro na cane cane imyuga ruba rusanzwe ruzi bigatuma benshi baharonkera akazi.

Egide IRAKOZE yavuze kandi ko ibikorwa urwaruka rwoshobora gukorera hamwe ni nkivyo kurima,kworora ibitungwa bitandukanye,kubarira,gukora amasabuni ,gukora ingwa n’ibindi vyokorwa bigatuma imigambi yarwo itera imbere.

Egide IRAKOZE arongoye AJUDC atera akamo urwaruka rwose rufise ivyiyumviro n’imigambi ko rwokwiyunganganya, mu ntumbero yo gukorera hamwe kugiras rwiteze imbere ndetse ruronse n’akazi urundi rwaruka.