Abantu nibo mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bakomerekejwe na Gerenade yatewe muri zone ya Bwiza mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara rya kabiri, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu. Muri abo bakomeretse, umwe araremvye.
Iyo gerenade yatewe mu bunywero buri aho muri zone Bwiza, buzwi kw’izina rya « KUBAJANDARUME. »
Umuuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE, amenyesha ko umuntu yikekwa ko ariwe yateye iyo gerenade yamemenyekanye, ko n’imodoka yiwe yahunze asize muri ico kibanza yafashwe.
Iyo gerenade yatewe mu Bwiza igize kabiri mu kiringo c’iminsi idakwira indwi, iyaheruka ikaba yari yakomerekeje abaporisi bane.