Inyuma yo kugerageza igisasu gishika kure vyakozwe na Koreya yo mu Buraruko,Koreya yo mu Bumanuko yipfuje ibiganiro vya gisirikare vyoyihuza na Korea yo mu Buraruko.
Abategetsi bo mu nzego zo hejuru mu gihugu ca Koreya yo mu Bumanuko bavuga ko ivyo biganiro bifise intumbero yo guhagarika ibikorwa vyose bituma haba ukurabana ribi mu karere gacungerewe cane kari hagati y’ivyo bihugu bibiri.
Kuva ivyo bitaraba,umukuru w’igihugu wa Koreya yo mu Bumanuko Moon Jae-in yaravuga ko yipfuza ko hoba ugufashanya cane na Koreya yo mu Buraruko.
Mw’ijambo ryiwe aherutse gushikiririza i Berlin ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubudagi , yavuze ko ibiganiro na Koreya yo mu Buraruko bikenewe kandi bikagira ico bishitseko.
Naho biri ukwo,igeragezwa ry’ibisasu rikorwa na Koreya yo mu Buraruko ntiryemewe n’amategeko y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.