Uwuserukira ubufaransa mu burundi asaba Leta y’uburundi kuganira nabo batavuga rumwe.

Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi Laurent DELAHOUSSE ahamagarira Reta kurwanya ukudahana hamwe no kuganira n’abatavugarumwe nayo mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo biri mu gihugu.
Mw’ijambo yashikirije kuwa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017,umunsi ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi bwahimbaza umunsi w’igihugu, Laurent DELAHOUSSE yasavye abarundi kubandanya inzira yo kurondera amahoro,no gukomeza umutekano w’abanyagihugu mu bice vyose.

Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi yamenyesheje ko igihugu aserukira,Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,akarere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe n’abandi bafasha Uburundi, bashigikiye Uburundi kugira bafashe mu mugambi wo kurondera amahoro.

Laurent DELAHOUSSE yavuze ko hageze ko hagarukanwa icizere mu bisata bitandukanye harimwo igisata co kumenyesha amakuru, kuko n’amasezerano ya Arusha ari mu vyatumye umwizero ugaruka mu barundi.

Laurent DELAHOUSSE yavuze ko ku ruhande rw’Ubufaransa bipfuza ko ibihano vyafatiwe Uburundi bihagarikwa, ariko ko ari igikorwa c’Uburundi kugira bishoboke ko ibihano bihagarikwa.

Ku ruhande rwiwe,umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ambass. Alain Aime NYAMITWE yaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori, yamenyesheje ko Uburundi bubandanya ibiganiro n’abafasha kugira bashike ku ngingo nziza.

Ambassadeur . Alain Aime NYAMITWE yamenyesheje ko ibiganiro atari agaseseshwarumuri mu Burundi,kuko ari navyo vyama biza imbere mu gutorera inyishu ibibazo biba vyugarije igihugu.

Ambass. Alain Aime NYAMITWE yavuze ko ata mahoro ata terambere rishoboka,ari naco gituma abarundi bihaye intumbero yo kurondera amahoro mu gihugu biciye mu biganiro.