Abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi, uw’umutekano Alain Guillaume BUNYONI hamwe n’uwo kwivuna abansi Emmanuel NTAHOMVUKIYE bari mu nama nshingamateka kuri uwu wa kabiri, bakaba batumiwe kugira bishure ku bibazo bitandukanye vy’abashingamateka, ku bijanye n’umutekano w’Uburundi.
Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, abo bashikiranganji bompi babanza gukurikira icegeranyo cakozwe n’umurwi wamaho mu nama nshingamateka ujejwe umutekano n’ukwivuna abansi, kivuga umutekano w’Uburundi ingene wifashe.
Inyuma y’ugukurikirana ico cegeranyo, abo bashikiranganji bishura ku bibazo bitandukanye vy’abashingamateka.
Ivyavugiwe mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, hamwe n’ibiri muri ico cegeranyo c’abashingamateka, turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
Tubibutse ariko ko umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI asanzwe ari mu batumiwe mu nama nshingamateka yamenyesheje kuri uwu wa mbere ko muri rusangi mu biharuro bafise, basanga ubugizi bwa nabi bwagabanutse, bagereranije n’amazi atatu ya mbere y’umwaka w’2017. Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI, ivyo biharuro vyavuye ku ncuro 1331 mu gice ca mbere c’umwaka, bija ku ncuro 901 muri iki gice ca kabiri c’umwaka, ni ukuvuga ko ubugizi bwa nabi mu Burundi bwagabanutse ku bice 32,3 kw’ijana.