Bujumbura : Imiduga 116 yafashwe n’igiporisi 

Imiduga igera kw’ijana na cumi n’itandatu (116) idasize amabara ya Taxi niyo yafashwe n’igiporisi ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere.
Mu giporisi c’Uburundi basigura ko iyo miduga yafashwe mu ntumbero y’ukurwanya iimiduga y’abikorera ivyabo idacishwa amafaranga (Voitures à affaires et promenade), ariko isanzwe ikoreshwa mu kwunguruza abantu n’ibintu ku mafaranga.