Gitega : Umuntu yoba yahitanwe n’ingwara yatowe ikiziga 

Ikiziga c’umuntu catowe kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Gitega, muri karitiye ya Shatanya.
Mu giporisi mu ntara ya Gitega bavuga ko amatohoza bakoze yerekana ko uwo muntu yitavye Imana yoba yahitanwe n’ingwara.

Abanyagihugu begereye ahatowe ico kiziga bamenyesha ko uwo muntu bahora bamubona, kandi ko ikiizga ciwe ata kimenyetso coba cerekana ko yishwe canke yagiriwe nabi.