Aha ntitugira tuvuge amasezerano yo muri rusangi mugabo tugira tubashikirize ivyo Mpwemu w’Imana yahishuye kw’ihanga ry’abarundi.
Abantu benshi barasengeye igihugu c’uburundi kuva kera basaba Imana yuko yogitabara kugirango impfu, amarira n’amaganya bihagarare; gushika naho abatari bake badendebukigwa. Ico nico catumye Imana itwibira akabanga itubwira ibituma amasezerano yatevye kugirango twihanure kandi dushikame maze amasezerano ashike mumazi yacu.
I. Amasezerano ntiyashitse kubera:
1 .Kutizera, abantu benshi barumvise ivyo Isezerano, babivuga kumunwa gusa ntibabishirako umutima ngo bamenye yuko ari ukuri kuva ku Mana.
2. Gukora ivyaha inyuma yo gusezeranigwa, abenshi barahawe amasezerano mugabo nti vyababujije kwivanga n’abanyavyaha mukwica, ukwiba, ugusambana, ukubesha no kubeshera, urwanko, ugucokorana…bituma bava mumasezerano.
3. Guteramira amasezerano, iyo wahawe isezerano urariteramira, ukama imbere y’Imana yagusezeraniye. Bamwe rero baritwaza amasezerano kugira ngo bashike kuvyo kameremere kabo kipfuza mugabo bakidibamira. Aho ntibashoboye gushika kumasezerano.
II. Ibikwiriye gukorwa.
1. Imana Nyene Ingoma iradusaba gusangangura ibigigwamana vyose biri hagati muri twebwe no mugihugu cacu.
2. Imana Uhoraho adusaba kubahiriza amabwirizwa n’amategeko yayo mukurongorwa na Mpwemu Yera muvyo dukora.
III. Uko bizomera
1. Abansi bacu ari nabo bansi b’Imana, ijana rizokwirukanwa n’abahizi batanu gusa; nayo ibihumbi icumi bizokwirukanwa n’abantu ijana gusa.
2. Hazoba mugihugu umwimbu , iterambere n’amahoro menshi, nta mwansi azogitera kuko ivyishimikizo vy’abadayimoni bizoba bitakiriho, imvura izogwa kugihe cayo kandi umwimbu uzogira umusesekara.
Nuko rero ncuti namwe bagenzi, aya majambo muyafate nkankama kuko tuyahawe n’Umukama.
Mwibuke, kugira ibicaniro vy’amasengesho yo guteramira amasezerano vyiyongera kubihasanzwe aho muherereye mu gihugu hagati, mu mahanga iyo muri, no mu nkambi z’impunzi. Kandi murungikire bose ubu butumwa.
Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano