Abanyororo bo mw’ibohero rikuru ry’intara ya Rutana bagize yegereyegere bankira abaporisi ko bosaka muri iryo bohero mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. N’aho hibonekeje imigumuko igizwe n’ukugutera amabuye hamwe n’imiryango yabomowe muri iryo bohero, ico gikorwa c’ugusaka cahavuye kirangurwa, ibintu bitari bike bikaba vyafashwe.
Mu gihe abaporisi bari bazindukiye gusaka muri iryo bohero mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, abanyororo bavyiyamirije, bazibira inzira zose zinjira muri iryo bohero, bongera batera amabuye hanze hamwe no mu bibanza birimwo abaporisi.
Abajejwe umutekano bari baje gushira mu ngiro ico gikorwa bahavuye bongerezwa, babona kwinjira. Imiryango igera kuri 18 yugara muri iryo bohero niyo umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko yabomowe yongera irandurwa n’abanyororo.
Mw’isakwa ryakozwe, Petero NKURIKIYE avuga ko hafashwe terefone ngendanwa 12, hafi ibiro bibiri vy’urumogi, inzoga zitemewe n’amategeko, imyambaro itatu y’igiporisi c’Uburundi, imbugita 15 n’ibindi.