Abandi bakenguzamateka babiri, Rand Paul na Susan Collins bari bamaze kumenyesha ko batazoshigikira uwo mugambi
Abandi bakenguzamateka babiri b’umugambwe w’aba republicain bavuze ko badashigikiye umugambi w’umugambwe wabo wo guhindura umugambi werekeye amagara y’abantu wa Obamacare, bikaba vyatumye igitigiri gisigaye kidashobora kwemeza uwo mugambi.
Mike Lee na Jerry Moran bose baramenyesheje ko badashobora gushigikira iyo ngingo uko imeze ubu
Abarepublicain bafise intebe 52 mu nama nkenguzamateka irimwo abakenguzamateka 100, rero mu gihe babiri mu bakenguzamateka babo batokwemeza iyo ngingo, ntivyokunda ko abandi basigaye bayemeza bonyene.
Prezida Trump yiyemeje guhindura iyo ngingo y’amagara y’abantu ya prezida Obama igihe yariko ariyamamaza.
Abo bakenguzamateka babitangarije rimwe.
Isekeza ryo gufuta ObamaCare ryatanguye muri Amerika
Mu gihe hari hakivugwa ko iyo ngingo yerekeye Obamacare ikirimwo utunenge, abo bakenguzamateka bongeyeko ko « badashobora kwemeza politike mbi ».
Iyo ngingo y’itegeko itangisha amahera abatunzi ikagabaniriza umuzigo abakozi ba reta kugira bagabanye amahera abakene bakeneye kuvugwa amahera bahora batanga.
Mike Lee na Jerry Moran bose baramenyesheje ko badashobora gushigikira iyo ngingo uko imeze ubu
Abandi bakenguzamateka babiri, Rand Paul na Susan Collins baramaze kumenyesha ko badashobora gushigikira iyo ngingo.
Abademokrate bamenyesheje kuva kera ko batazemera guhindura iyo ngingo ya Obamacare ariko ko bashobora kwumvikana mu gutuma iba nziza gusumba.