Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Uburundi bushasha bw’Isezerano yo kuwa gatatu (Mercredi) no kuwa gatandatu (Samedi)

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA ABARUNDI BOSE N’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO
I. INTANGAMARARA:Ihanga ry’Imana ry’abarundi ABISEZERANO ntihagire abaryitiranya n’imigambwe canke imihari ya politike.Ni abarundi bava mu ntara zose,ivyiyumviro vya politike bitandukanye,amadini yose n’imiryango yose yo muburundi Imana yahagurukije ngo babohoze amasezerano Imana yahaye igihugu c’Uburundi.

Mwese turabaramukije amahoro y’Imana tuti:Shalom!

Twagomba kubatumirira amasengesho y’inkomezi tuzokora buri wa gatatu no ku wa gatandatu(19 na 22/07/2017)

II. ICO MPWEMU YERA YAHISHUYE KANDI YASAVYE ABARUNDI ABARI MU GIHUGU N’ABARI MUMAHANGA.

1. Imana yabuze intwari yokoresha ibikorwa vy’ubuhizi muvyo Impwemu,muvyo gutunganya igihugu no muvyo umutekano.Abavuga ngo barabishoboye ntibayishirako umutima.

2.Ngo nimushireho ibicaniro vy’amasengesho biteramiye Isezerano mu ntara zose vyiyongera kuvyo dusanganywe maze habemwo abinginzi ngo Imana murabe ivyiza igira ibakorere.

III.ISHIMIKIRO:

« ABIYUMVIRA kO BAHAGAZE MWIYUBARE NTIMUGWE KUGIRA DUFATANE MUNDA MUGUSENGA,TURONDERE IMANA NAYO IZOTUBONEKERA IDUKORERE IBIKOMEYE »1 Korinto10:12;Yeremiya29:12-14.

IV.IMITWARO YO GUSENGERA:

1.Kuba uwera(kwezwa)

2.Kuba umuhizi mu bikorwa Imana iduhamagarira

3.Kuba uwushimwa n’Imana.

4.Gusengera abariko barenganywa mu buryo bwose.

5.Gusengera abafise inzara n’inyota,bugarijwe n’ubukene buri mugihugu no hanze yaco.

6.Gusengera abari mumabohero atandukanye ari mugihugu c’Uburundi no mubindi bihugu.

7.Gusengera abari mu bitaro cokimwe n’abagwariye muhira mumihana itandukanye.

8.Gusengera impfuvyi n’abapfakazi,abana bo mw ibarabara hamwe n’ababuze ababo.

9.Gusengera ab Isezerano bari mungendo z’ibikorwa bitandukanye.

10.Gusengera abafashe intumbero yo guhora bari imbere y Imana basenga.

MN:Mwibuke gusengera ab’Imana yahagurukije bose guhera kuri Dr Merlin Dusengumuremyi,ba Mose,ba Yoshuwa,ba Gidiyoni bose kuko intumwa za satani ntakindi zikora atari kubacafuza no kubarwanya ariko Yesu yaratsinze.

V. IVYO GUSHIKIRIZA UBURONGOZI

1.Ivyo mpwemu w’Imana azoba yahishuye mumasengesho.

2.Abo mwashoboye kugendera n’agashishiro mwabashiriye.N’abarindiriye Isezerano mwigishije bashasha.

3.Ibicaniro vy abinginzi mwashoboye gushinga mukarere iwanyu.**Bibwirwa benshi bikumva benevyo**Muakoze!

Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano.

Bigiriwe i Bujumbura ku wa 18/07/2017

abisezerano @gmail.com

http://www.abisezerano.com

PS:Musabwe kurungikira abagenzi banyu uyu mutumiro w’amasengesho.Bose birabire ingene Uhoraho agira atabare Uburundi.