Abashikiranganji babiri, uw’umutekani n’uwo kwivuna abansi, bemeza ko umutekano w’Uburundi wifashe neza muri rusangi, kiretse rimwe na rimwe aho bishika uwo mutekano ugahungabana bitewe n’amatati y’amatongo, ukunywa inzoga zitemewe n’amategeko. Abashingamateka bashikirije ikibazo c’abanyarwanda binjira mu Burundi batabifitiye uruhusha.
Icegeranyo cakozwe n’umurwi wamaho mu nama nshingamateka ujejwe umutekano n’ukwivuna abansi, kivuga umutekano w’Uburundi ingene wifashe. Cashikirijwe kuri uwu wa kabiri n’umushingamateka Vénant HATUNGIMANA, icegera c’umukuru w’uwo murwi.
Muri ico cegeranyo, abashingamateka bashikirije ko umutekano wifashe neza muri rusangi. Ico cegeranyo kivuga kandi ko abasirikare n’abaporisi bakorana neza n’abajejwe intwaro hamwe n’abanyagihugu.
Ico cegeranyo kigaruka ariko ku mubano utifashe neza hagati y’Uburundi n’Urwanda, abashingamateka bakavuga ko hari abantu binjira ku butaka bw’Uburundi kwimba ubutare mu kinyegero mu ntara ya Cibitoke, hamwe n’Abarundi bishwe n’abasirikare b’Urwanda ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda.
Muri ico cegeranyo, abashingamateka bagarutse kandi ku kibazo c’abaporisi bagirizwa kurya ibiturire. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umunsi umwe imbere y’uko ico cegeranyo gisohoka, umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko ibiharuro vy’abaporisi bagirizwa ibiturire hamwe n’abamaze gushengezwa mu butungane muri aya mezi atatu kitaramenyekana.
Nk’uko biri muri ico cegeranyo, haribonekeza ukutumvikana hagati y’abajejwe igiporisi bagiriza abacamanza ko iyo babashikirije abagirizwa ubugizi bwa nabi, budaca kabiri batararekurwa.