Gitega : Abanyororo batanu bakomerekejwe n’abagenzi babo 

Abanyororo batanu nibo bakomeretse mu ngwano zadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega mw’ijoro ryo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 18 Mukakaro 2017.
Amakuru ava mw’ibohero rya Gitega amenyesha ko nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro kuwa kabiri igenekerezo rya 18 Mukakaro 2017,ariho hatangura kwumvikana urwamo rw’impande zibiri zari zihanganye mw’ibohero rya Gitega.

Ayo makuru nyene amenyesha ko urwo rwamo rwoba rwavuye ku munyororo umwe asanzwe aronka uruhusha rwo gusohoka ibohero,yasohotse mu masaha y’umutaga aca yinjira yanyoye inzoga kandi aborewe, ari nayo ishobora kuba yabaye inyanduruko yo gushwana.

Umwe mu begereye ibohero rikuru rya Gitega, amenyesha ko mu nyuma impande zibiri zari zihanganye zaciye zitangura guterana amabuye,batanu mu banyororo barakomereka,harimwo babiri bababaye cane.

Amakuru ava mw’ibohero akamenyesha ko ibintu vyasubiye mu buryo inyuma y’ingingo zo gukomeza umutekano zafashwe n’abaserukira abandi mw’ibohero.