III. UMUGISHA UGARAGARA WO MU BURYO BW’UMUBIRI (UBUTUNZI NITERAMBERE) MU BURUNDI BUSHASHA BWISEZERANO

« Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho, atuma n’abansibiwe buzuranawe » Imigani16 :7
« 1Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mukitondera ivyagezwe vyiwe vyose mbagera uyu musi, mukabishitsa, Uhoraho Imana yanyu azobashira hejuru kurusha amahanga yanyu yose yo mw’isi. Kandi iyi mihezagiro izobazako, ibashikire, ni mwumvira Uhoraho Imana yanyu. Muzogira umuhezagiro mu bisagara, muzowugira no mu matongo…15 Ariko ni mutumvira Uhoraho Imana yanyu, ngo mwitondere ivyagezwe vyiwe vyose n’amabwirizwa yiwe yose mbagera uyu musi, iyi mivumo yose izobazako ibashikire» Gus.28 :

    Tumaze kûbahisha Imana imitima yacu yose, n’ubugingo bwacu bwose, nk’uko Mose yabibwiye Abisirayeli, Uhoraho ashaka kuduhezagiza n’ibigaragara kuko azobanza guhinda abahitiye batununuza ngo bariko baradufasha. Abo nyene bo mu bihugu biteye imbere, batanga amahera avuye mu vyavuye muri Afirika, bakongera bakaba no mu mikorere yihishije yo kuduteranya. Ha gufasha imigambi y’iterambere nko kwubaka amabarabara, bihutira imigambi igamije gukontorola intwaro z’ibihugu bashaka gutegeka no gukama. Abo bagiye gukosorwa babe abadukorera tubaha ingero nk’uko ijambo ry’Imana rivuga ku bubashe Imana. Mweho muze mubafate nk’abantu, ntimubasubirize mu ndumane Uhoraho atabibahora. 

Ng’ibi ibikwiye gukorwa n’Abarundi. Hari ivyo Imana yavuganye nanje nk’uko mbivuga, hari n’ibindi, umutima wanje ubakangurira, wisunze ibibereye, bihimbara n’Imana, ukanisunga n’ijambo ry’Imana. Muvyumve neza, ko atari ibizokoroka biva mu muyaga, oya. Ni ivyo Imana ishaka ko Abarundi bakora bakibera mu mugisha, kuko Imana ikoresha ubuntu bwayo burangukira mu gushaka kwawe. Si imikate igira itsindagire ku nguvu mu kanwa k’Umurundi wese, oya, kuko uwanse kujana na yo ntakore ivyo ishaka, azokena apfe nta gisivya. Ni ko vyagenze kubanya Isirayeli yari yarasezeraniye bakiva muri Egiputa. Biyubakira ikigirwaamana mu nzira Mose amaze imisi mirongo ine ku musozi. Aba arico asanga bikubise imbere nk’uko n’ubu ariko bimeze kuri Mont Sion Gikungu, ku ntatemwa ya Rwagasore no kwa Ndadaye na Ntaryamira mu misi imwe imwe, n’ahandi henshi, abavuga ko bakijijwe bakira Bishop wabo bakamuririra, canke bakamunezerererwa nk’imana yabo. Canke bakiyubakira umunara, bakawukikuza bati: Hano hazokwinjira abantu 15,000! Bikabanezera nk’aho umengo mu kuja mw’ijuru bazowurirako babandanirizeko, ubugunge n’ishari n’urwanko no kurogana bikiri vya bindi mbere mu barongora abandi. Abakora ivyo, n’ibindi vyose vyankwa, ivyo nanje ubwanje ndiko ndiyambura, ntibazobura kurwa mu nzira nk’Abisirayeli, sinoja aho ngo mbaremeshe. 

Jewe ubwanje nandika nfise ivyo Imana inkarirako, ndiko nandika mpinda umushitsi mwinshi, nta buryarya burimwo, kuko, bene Data, Imana irera cane; bibiriya ivuga ngo muri yo ntihagira umwiza na muke (1 Yoh.1:5). Umugore dukorana ibikorwa vy’Imana ni we yabajijwe na Mpwemu ati: None ivyo bisuko uzovyinjiza muri Isirayeli ya kabiri?” Mbega ko jewe nkariwe ku gucêreza imirimo y’Imana myinshi yantumye n’ubundi busembwa bwo kutihangana, weho wumva ari “Amen”? Uwokwasamira ibije yokwasama kuko biriho, nfise ubwoba gusa ko k’uwutiteguye, mu gishingo c’umugisha mu nzu azobona umugina; yasamiye amagara ariko azotamira amakara. Hari n’abataye imirimo y’Imana baja kwisabira amhera i kuzimu; ico bazotamira kizova mu kanwa k’uwo basaba. Ariko, nimba uhinze umushitsi, numvise umuririmvyi aririmba ati : Urukundo rwayo rushika i kuzimu. Amen.

 2. Amazi yo mu masoko

« Umudamu umwe, incuti yanje dukunda gusangira ijambo ry’Imana arambwira uko yumvise : mbega ni kuki Abanya Bujumbura mukunda kunywa amazi yo muri Tanganyika knadi imisozi yanyu ifise amasoko menshi afise amazi meza cane ? ». 

Yemwe, niyo atorinze kumva ijwi ry’Imana, si vyiza, mbega, ko tunywa amazi yo mu musozi kurusha amazi bogamwo atabwamwo imicafu y’uburyo bwinshi, n’ibikoko bibamwo, naho yoba arinda guhingurwa ? Noneho rero abayanwa, turetse ivy’iyo micafu bidasubirwamwo, baramaze kumva ingene apfuse, kandi aryoshe. Sinkekeranya ko Imana nayo ikunda ivyo vyiza. 

3. Energies renouvelables canke umuyagankuba usubirizwa. Uyo ni nk’uw’izuba, biogaz, … Ntembererewe mw’iyerekwa rya 17/03/2015 numva mbwirwa ivy’uyo muyagankuba wo muri ubwo buryo. Abo biraba mujeko mukore ama poroje musenze, ukuboko kw’iyavuze kuzokwivangamwo. 

4. Quartier social muri Bujumbura Rural: Nabonye aho mu misozi, hakurya ya Mutanga Sud, hubatse amazu meza cane yose areha, afise nivo nka 5 canke zirenga, zimeze nka ziriya nshasha za INSS zo mu Kinindo. Hari hateye igomwe cane, biboneka ko hubatswe n’i sosiete imwe. Zava harya zibandanya Isare. Twihweje ivyagumye bivugwa ku kiyaya kimera ca Bujumbura, biboneka ko, mu bihe biza, ivyo kubandanya barondera gutunganya ibibanza vyo kwubakamwo muri kino kibanza co kurimamwo, bizovanwaho burundu, kugira hubakwe amazu akomeye ya benshi mu misozi ya Bujumbura. Iyo nayo izoba yaciwemwo amabarabara ya kijambere, bishoboka ko amwe azoba aca mu kirere ayandi musi y’umusozi 

Numva nohanura ababijejwe ko bokwiga neza aho umuji uzogarukira, bakawagurira mu misozi, batibandira mu biyaya ho kurimwa imiceri n’ibindi, bakiga ivy’imiyagankuba neza, maze bagatanga amasoko ku bantu canke ama sosieyete yubaka inzu nininini nyinshi ku mafaranga yabo abantu bakazopanga ku biciro vyizwe neza hagati ya Leta na ba nyene inzu. Ivyo birakenewe gose kuko mu bihe biza, hazoza ama sosiyete menshi acukura ubutaka, abigisha, abakora mu mahinguriro n’abayashinga, hamwe n’abarimu ba kaminuza. Inzu zubatswe kijambere zizosabwa cane.

Nongeye mbona mu gihugu cose hubatse bene ayo ma quartiers sociaux, canke ayo mazu ya kizungu yubatzwe kumwe, agerekeranye, agahabwa abanyagihugu ku buryo buke cane abandi kuri gusa, kugira bave mu matongo arimwe kijambere, nabo begeranirizwe ahantu hamwe. Ivyo bizokwigwa n’ababijejwe igihe cavyo kigeze. Itariki 8/12/2013 niho nabonye igihugu c’Uburundi cubatswe neza gose.

5. Ibikorwa rusangi :

Biramaze kugaragara yuko ibikorwa rusangi ari ikintu ngombwa, nkenerwa mu gihugu kugira gitunge, citeze imbere. Ibihugu vyinshi cane cane ivy’aba komunisa, vyarakeneye guca aha, mu kwiteza imbere. N’Urwanda ni ko vyagenze. Mu Burundi, igihe cose vyakozwe vyaba vyitiriwe umugambwe. Kera hari ku mugambwe umwe UPRONA, wahimiriza bose. Bisubiye kugaruka muri demokarasi, intwaro y’imigambwe myinshi, ariko nahone, abantu bidoga ko ibikorwa vyitirirwa umugambwe uri ku butegetsi, bigatuma abatawukunda umengo ntaco bakwiye gukora, naho bataba bariko bubaka ingoro z’umugambwe wabo.

Birakwiye ko hatangwa isoko ku bahinga bigenga biga ingene ibikorwa rusangi vyokorwa n’igihugu cose bikagira ico biterereye mw’iterambere. Abahinga bogerageza kuvyambura ibara rya politiki bakaryambika ibara ry’ubuhinga. Hakerekanwa uruhara rw’ubushikiranganji bubijejwe, uruhara rw’abahinga bahenbwa na Leta, n’uruhara rw’abanyagihugu, ku buryo bose banezerererwa gukora ibikorwa bigamije guteza imbere igihugu ata rwenge no gutakaza umwanya n’uburyo birimwo. Kuko bimaze kuboneka, ko ingendo z’umukuru w’igihugu n’abamuherekeza isinzi gukora ibikorwa rusangi mu ntara kanaka, bitwara uburyo bwinshi, kurusha kuriha akarwi k’abahinga kavyishinga, kakiga n’ingene ivy’ukurarika bigenda mu ma komine no ku mazone. Iporoje yuzuye yerekana neza ibivamwo canke akarusho gaharuye yotegerezwa kwerekanwa, tukogorora. Ivyo ni navyo vyotuma umugambwe woba utwara wemerwa. Ariko mbona umengo ivy’imigambwe biraheze.

6. Gukorera hamwe

Abarundi kugira biteze imbere bategerezwa kwiga gukorera hamwe, bagateranya inguvu zabo, n’imitahe. Ivyo bisaba kwizerana n’urukundo. Uhoraho yanyigishije ikintu abantu womenga bose barakizi naho benshi, cane cane Abarundi kibagora gushira mu ngiro : umwenegihugu mutomuto umwe arashobora kugurura aka butike kamwe muri Karitiye akoresheje amafaranga 500,000. Ariko ari abenegihugu 20, bagiye hamwe bagashira iyo imitahe hamwe, bagashinga poroje abantu babiri bahembwa n’aga komite kabo, bokugurura Alimentation idasanzwe mu muji ya 10,000,000 Fbu. Mu myaka icumi barashobora kuba ari umugwi w’abagwizatunga rutumwako, userukirwa mu bintu vyinshi bikomeye. Ariko Imana yambwiye ngo abantu babuze urukundo bikababuza kwizerana. Kuko ufise urukundo, uremera kuzokorera abandi, uranezerwa uwundi ateye imbere, naho wewe vyoza vyitonze, ukanemera ko ivyawe vyoshobora guhomberayo, biramutse bishitse ntuterane amacumu. Umugisha wo kugororoka uzobonekera mw’ishengero rya Kristo uzozanana n’urukundo, urwo narwo ruzoshoboza abene mugabumwe, Yesu, gukorera hamwe.

Ehe, Amerika yubatswe n’Abanyaburaya bo mu turere dutandukanye bagiye hamwe bubaka kirya gihugu gitinywa n’amakungu. Ama sosiyete menshi muri Amerika na Buraya agizwe n’abantu bagiye hamwe bateranya imitahe ; tumaze kumva ingene ama kompanyi y’indege yagiye hamwe kugira atsinde abandi ; i Nairobi niboneye ingene abantu bagiye hamwe bashira imitahe hamwe basaba itongo rinini Leta bubaka quartier social niboneye, ubu ni abatunzi.

Ndemeza gose ko mu Burundi, hari abantu nka, Hon. Dr. Jean Minani, na Perezida Ir. Domitien Ndayizeye, na Perezida Petero Buyoya, Perezida Bagaza J.B, Perezida Ntibantunganya S., n’umushingantahe Siyoni, na Nyakubahwa Perezida Petero Nkurunziza na Gen. de Brigade A.G.Bunyoni, n’abandi bakuru (noshimye kuvuga abandi batunzi, ariko kumbure abo navuze barikeneye) nka bane bafise amahera bativye – nfashe ko na bo nyene boba bafise ubutunzi bwera ariko ukuri ni bo bakuzi – bateranije imitahe yabo, bakabura bagurisha ivyo bafise, nk’amazu yabo n’imitahe imwe imwe bafise mu ma sosiyete kugira bakwize imiriyaridi 100 z’amarundi, urabona ko bosaba mu mabanki amahera make kugira bubake uru sosiyete runini rw’indege ishobora gupinga ama kompanyi y’indege yo muri Afurika. Bokura mu bushomeri abarundi benshi bakora muvy’indege, amahoteri, ubudandaji, umutekano n’ibindi vyinshi. Icompa Imana ikaba ikunze ko mbivuga kugira ngeze urukundo rwabo ko ari rwinshi cane ku Barundi. Kandi ibimeze gutyo, kuri abo canke ku bandi, ndumva bizoba. Ivyo vyambayemwo kuva kera ndi muto, mbona nkoresha inama abobikora atari je ndi umunyamutahe. Ivyo si Imana yabimbwiye, oya. Nije numva ndavyibwira, ariko Imana ivuga kwinshi. Ariko ico yo yambwiye n’uko Abarundi babuze urukundo rwo gukorera hamwe botunze cane kumbure kiretse abo navuze, bagira bakore ibitandukanye n’ivyo bibuze. Birababaje ko abanya Cankuzo ngo babuze urukundo kurusha abandi nk’uko Mpwemu yanyemeje.Tubirindire.

7. Muri 2013 nabonye Tanganyika igira amafi menshi cane yisesa ku kiyaga nkabona abantu boja kuyitorera kuri gusa. Ndizera cane ko tumaze kwiga gusenga mu kuri mw’ishengero rya Kristo, tuzozunguruka Tanganyika tukayihumanuza udutwe tw’abantu b’ibimazi abarovyi b’abarozi bahaye Satani ngo baronke amafi menshi, ahubwo baba bararoze urwo ruzi, baruha kuganzwa n’abadayimoni. Twubashe Imana tugasenga izo mpwemu zizohunga, imbaraga z ‘Imana zongere zikore, amafi aboneke. N’abandi bose bose ku nkengera z’ico kiyaga bakoresha imbaraga z’abadayimoni mu kwubaka, hamwe n’abubaka amazu agerekeranye mu gisagara bakibera muri Tanganyika, bazonyiganyizwa n’izo mbaraga z’Imana Nzima kandi ntibizobura kumenyekana. Abakozi b’Imana batonda mw’ishengero bavuye iyo, nabo bazoba bariko barahunga igihugu, ni batakizwa kubera imbaraga za Mpwemu zizobaturira bagaca bayanyaga. Abo twita abanyacubahiro uyu musi, kuko bafise amashengero manini n’abayoboke benshi, bakaba batunze n’ibitayega, ico gihe bazomenyekana neza abo ari bo. Tanganyika izoca iba agahore, amafi yisuke.

8. Gutera ibiti vy’inkwi n’ivy’ibidukikije :

     Mu ntango za ndamukiza 2016, mbwirwa ko jewe ubwanje nzoteresha mu gihugu cose ibiti vy’inkwi vyo gucana hamwe n’ivy’ibidukikije. Ivyo bishobora gusigura ivy’impwemu, ariko no muvy’umubiri nyene, tuhibandire. Imana mbega yo ntiyohimbarwa, kuri vyinshi yampaye vyoyihimbara mu gihugu, hiyongeyeko gushariza imisozi n’ibiti vyinshi vya Leta binafise n’ubumaro mw’iterambere ntorinda kwigisha muri runo rwandiko ? Ego. Imana yo rero iratandukanya ivyo biti bishobora kuva mwo imbaho, hamwe n’ibindi biti vyinshi vyo gucana mu ziko, inkwi ntizizobure, kandi ntizizorondererwe mu mashamba y’ibidukikije. Ababijejwe babifate nka nkama, kandi umwe umwe wese avyiteho kubwo kugororoka, kuko n’Imana yaturemye ivyirayeho kandi ari twe bizoha imvura. Ng’ico rero kimwe mu bikorwa rusangi bizana iterambere wa mugwi wotwigira. 

9. Numvise mbwirwa ngo : « ibiti umukuru w’igihugu aheruka gutera biraroze» : Kumbure ni ivy’amavoka kuko ari amavoka y’ikizungu yavyimbishijwe n’ubuhinga bw’abantu buri muri bimwe vy’ubuhinga bugoye kuvuga mu kirundi, mutations génétiques, navyo bihaye bivugwa n’abahinga ko bifise ingaruka mu magara y’abantu. Canke n’ibindi yoba yarateye nimba hari ibindi, kuko turetse ico nongorewe, ntavyo nagiye nkurikirana cane ngo ndabimenye ido n’ido. Ariko ku basenga murumva ko ico gusengera co kiriho. Gusenga kwanyu kwerekana ukuri kw’ivyo nabwiwe, mukanamenya n’inzira z’uburozi izo ari zo, kubera cloner n’imihamuro n’ibindi vyose bishoboka.

10. Uburimyi mu Burundi : Ubuhinga bwo muri Maleziya.

Nditeze, mu bihe biza, kubona abahinga bo mu bihugu bitandukanye baza kudufasha gupanga uburimyi neza. Jewe neretswe ari abahinga bo muri Malaisie baje biga uko bateza imbere Uburimyi bwacu. Kandi muri ico gihugu, boba ari abahinga mu vyo kuvomera, irrigation mu gifaransa.

Mu burimyi Uburimyi bufise ingorane zine zo kwigako :

1) Kuvomera : Uburundi buri mu bihugu bike cane mw’isi bironka amazi menshi cane y’imvura, eka mbere n’ayo mu myonga, ariko barumisha imirima ntibatege amazi ngo bige ubuhinga bwo kuyabika bayakoreshe igihe kigeze, ku ruzuba. Barakwiye kwiga gukoresha imihora yo kuvomera canke canaux d’irrigation ;

2) Isi ndimwa : Abarundi bibera muri ya matongo yo kurimamwo, bakabura aho barima

3) Imitahe yo kurimisha ntayo bikunyurwa n’uko abantu badashobora kuja hamwe ngo begeranye imitahe yabo. Abafise imitahe ntibarategera ko kurima ari inkomoko y’iterambere ngo bayikoreshe nuri ico gisata ; Leta ubwayo ntirerekana ko uburimyi bukwiye guhabwa uburyo bwinshi n’aho izi ko Uburundi butunzwe kubirenga 70% n’uburimyi ;

4) Angere shimike : Imigenzo mvamahanga ya kera yo kuroga isi : Ndahanura ko mu mugambi w’Imana, nisunze iryambo ry’Imana (Gus.11 : 16-17), Imana yo nyene ihezagiye isi ndimwa yayo kubwo kuyumvira kwacu, ata ma angere shimique twokwongera kurogesha isi yacu ngo yimbure. Ababikora barabigumana, twebwe tuzokoresha amase yacu, nabo baze kuyatugurira.

11. Politike y’ubutunzi yitaho kuzamura abakene, Politique pro-pauvre :

« Idini itunganye itagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese, n’ukuraba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’isi » Yakobo 1 :27

Ayo majambo yo muri Yakobo numvise asunikiwe mu mutima wanje nk’inkota mu rubavu rw’idubu yinjiye muri karitiye. Emwe, kumbure si mwebwe ni jewe agasembwa kabonetseko, ariko nawe usoma urabe neza. Ico ntakekeranya co ni agasembwa ko mu ruhande rwanje, ariko nawe mwiza wezwe gose. Binteye kuvuga nshize amanga ko Leta y’igihugu cashizwe hejuru n’Imana idatora ku butoni, ikwiye gutondeka indinganizo zayo zose z’ubutunzi mu buryo bwo kuzamura abakene. Ivyo bica vyumvikana ko mu kazi kamwe hatoboneka uwuhembwa imilioni cumi, hakabaho n’uwundi ahembwa ibihumbi mirongo itanu!!! Naho yoba ari umu planto ahembwa ibihumbi ijana, Umukuru wiwe ahembwa imiliyoni cumi, ivyo Imana ntiyovyihanganira na gato naho wokwitwaza ama diporome n’ibindi. Kuko abantu bose bararya bakavuza abana n’abo batunze, bakabigisha bagapanga inzu. Umuntu wese akora, tutaravye diporome afise, ariko akaba akora gusa, akwiye gushingirwa amahera ataja musi kugira, n’imiburiburi arye neza kandi apange inzu y’ivyumba bibiri n’uburiro. Imigabane yo kwihwezwa mu gukemura ikibazo c’ubukene bukabije:

a) Agahembo ku bakozi bato bato (politique salariale):

• Umuntu amaze kwitwa umukozi wa Leta uwo ari wese, naho yoba agira isuku mu nzu, kuko ategerezwa kubaho, ategerzwa gushingirwa amahera atazoja musi na rimwe, bita SMIG (Salaire Minimum Interprofessionnel Guaranti) mu gifaransa;

• Iyo mpembo yokwisunga igiciro cizwe na Komite ibijejwe c’infungurwa nziza z’umuntu wese ku musi no ku kwezi, igiciro c’inzu y’icumba kimwe n’uburiro yubatse neza muri karitiye zizoba ziriko zirubakwa, hamwe n’amafaranga yo kwiyunguruza, kongerezako ic’icumi c’ayo mahera ku tubazo tw’i ruhande;

• Iyo SMIG ivuzwe ku bakozi ba Leta gusa. Umugwi ujejwe ivyo woshira abakoresha bose mu migwi bivanye n’uburyo bwabo, categories d’amployeurs, mu gifaransa. Akarorero k’iyo migwi: Amashirahamwe akomoka kuri ONU n’ama leta y’ibihugu vyo hanze (Organisations onusiennnes et etatiques etrangeres), Amashirahamwe Mpuzamakungu, ama sosiyete y’amahinguriro n’urudandaza mvamahanga, ama sosiyete y’urudandaza n’amahinguriro vyo mu Burundi, amashirahamwe y’Abarundi, …Bivanye n’umugwi uwo ari wo, kuri iyo SMIG hakiyongerako kuva kuri o%, 30%, 100%, …

• Umukozi abanye n’uwundi (umufasha bubakanye, umwana ataragera mu bigero,…) akongerwa % ya SMIG yokwigwa.

Imana ntizobura kuduhanira abakozi bamwe bamwe usanga bamaze nk’imyaka 25 bakorera Leta, ugasanga ni umu planto afise nk’abana 7, canke barenga, apanze inzu, agaca ahembwa amafaranga ari musi y’ibihumbi 50 ngo n’uko ata diporome afise. Ivyo ntiwobibwira Imana, ni abantu gusa bavyumva. Wemeye ko umuntu agukorera wemera no kumubeshaho; ivya diporome bibanza guhagarara, bikavyuka hageze kwongera imishahara.

b) Leta ikwiye kwiga neza ivy’abatagira akazi ku mvo zitabavuyeko.

Bivanye n’aho igihugu coba giteye mu butunzi mu kiringo kanaka, abo barakwiye guhambwa n’imiburiburi inusu ya SMIG ya LETA iva mu makori y’abahembwa bose kugira ngo bakemure ibibazo bimwe bimwe, cane cane kurya no kurondera akazi.

c) Abasezi :

Kirazira kikaziririzwa ko mu Burundi Isirayeli ya kabiri, haboneka abantu bahagarara ku mabarabara no mu masoko n’imbere y’amashengero gusega. Ndategetse, mw’izina rya Yesu aganje, ko ivyo bitazosubira mu gihugu c’Uburundi. Natuye urukundi muri kino gihugu mw’izina rya Yesu. Ivyo vyunkane kuruta uko ndabivuze. 

KIRAZIRA gusega mw’ihanga ryarobanuwe n’Uhoraho, ku mvo izo ari zo zose. Ubwa mbere ho ni umuvumo kuwusega kuko uwemewe na Kristo asenga yihanganye yiteze igitangaza. Ndazi neza ko abihanganye barara ubusa, abirukanwe iwabo, abagwaje babuze icepfo n’ica ruguru, boja mw’ibarabara gusega, hoba uruhagarara, bikaboneka imyiyerekano. Benshi cane rero birabagoye ariko, bamwe basenga bihanganye, abandi bibatera isoni bagasaba mw’ibanga, abandi bagakora ukundi.

Ikitibagiwe n’abarozi baza gusaba mu buryo bwo kuroga canke gutunga ku nguvu batungishijwe n’amareba mwibaza ko ari ugusega. Bene abo n’aho boronka ibitayega baguma bambaye ubucocerwa n’imvyiro zikabagumako kuko ivyo bibafitiye akamaro. Uwundi mugwi w’abasezi, ni abadayimoni bari mw’ishusho y’abantu, baza mu masoko no mu mashengero cane cane no ku mayira abiri, kugira bahumanye abantu. Iyo migwi ibiri ya nyuma yompi ihumanisha ababaha amafaranga mu kubateza inyatsi n’ibindi vyago. Ku gituro c’ama bisi ya Kamenge, haraheze imyaka nk’ine ivyo vyarabaye, aho umupfasoni yagiriye impuhwe ikimuga c’umugabo, agiha amahera, bica biranka ko ava hasi ngo yinjire muri bisi, ico kimuga kimusaba kumusoma, bamuzomerera rimwe, ngo musome. Abikoze baciye bamanukana i kuzimu bose, abantu bariko baravyihweza ku mutaga. Ivyo naho mwoba mutabibonye mwumvise ibindi bimenywa cane cane n’abatwara ama tagisi mw’ijoro, mbere no ku murango. Kenshi batwara abadayimoni bavamwo imodoka itiriwe irugururwa. Bibiriya ivuga iti: Abazi ubwenge bazobimenya; ikongerako iti: Abarongorwa na Mpwemu nib o bana b’Imana. 

Be mu mpwemu rero kugira ngo mumenye abo mukorana. Ni izo mpamvu zose zituma ata gusega gukwiye kubaho, igihugu kikitaho abaco bigoye. Amakori akwiye gutangwa mu buryo bw’uko kizira ko hagira umuntu atagira ikintu na gito kimufasha. Abasezi bose bariho bakwiye gushirwa mu mirwi, ivyabo bikigwa, umwe umwe ukwiwe, abarerwa bakarerwa, abigishwa bakigishwa, abavugwa bakavugwa n’abahanwa nabo bagahanwa, maze binjire mu buzi bubabereye, igihugu kije ku murongo, Imana ice iduha umugisha.

Umve neza, ivyo si ivyo gukora twatunze, oya. Gukura abakene mu nzira, ni uyu musi nyene, ahubwo kugira ngo kwitaho ico Imana yavugishije Yakobo neza, kiduheshe umugisha. Kandi ivyo tudashobora ubu, kubera bitari mu mitima y’abatware, no mu gihe c’itunga ntavyo twoshobora. Kuko, iryo tunga ryozana izindi ngorane. Noneho rero ntibikorwa n’amafaranga, bikorwa n’umutima ubwa mbere. Nteye akamo wewe uriko urasoma, ugire ico ukoze ku giti cawe, wijabukire. 

Mu gihe kiza, kandi kiraje, impfuvyi zizoba ari nyinshi kubera imvura nyinshi yoshobora guhitana abavyeyi. Mbibabwiye hakiri kare kugira musenge murindwe, kandi kugira abazorindwa mwitegure kurera impfuvyi mutavyaye. Si ukubatera ubwoba, ni ukubaburira. Aho ni ho muzokurira umugisha wanyu. 

Ndabasubiriyemwo, kirazira gusega muri Isirayeli ya kabiri. Leta ikwiye kuzokoresha uburyo bwose bwavuzwe, n’ubutavuzwe, hatabuzemwo n’ibihano, kugira ico kibi ntikibe. Ishengero rya Kristo rizobazwa ivy’abo bakene, kuko n’abadayimoni bihinduye, n’abarozi, abanyeshengero b’impwemu nibo bo kubamenya, bakabwira Leta ikibereye. 

d) Abatama n’abatamakazi n’abapfakazi batagira ababo

Leta ikwiye gukorana n’amashirahamwe kugira ntihagire n’umwe muri abo yibana. Ishengero rya Kristo cane cane rirakwiye kwitaho bene ivyo bibazo. Abo babikora k’ubwo kugororoka, Leta nayo ibikora nk’ibwirizwa ku bana b’igihugu. 

e) Abafise ubumuga bwo mu mutwe canke bw’umubiri:

Abafise ababo bishoboye, abo bazobitaho. Abatagira ababo bishoboye, Leta, mu makori y’abanyagihugu, itegerezwa gukorana n’amashirahamwe, ikabavuza, ikabashira ku rugero rwo kugira ico bimariye. Leta ntishobora kurera amaboko imbere y’ikimuga kitagira abaco, muvyumve ivyo vyozana umuvumo mu gihugu. Abatararonka ico bakora, ntibanagire n’ababarera bategerezwa kuba mu marerero kuri gusa.

f) Kwiga gutanga: Naraye maze gufata ingingo yo gutangaza iyi mburi, mbere imaze kuja ku rubuga facebook, nongera kuyisengera kugira Imana ikore ibindi biyihimbara kuri yo, ari mu buryo bwo guhindura kwongera, gukosora n’ibindi. Iryo joro nigishwa ingene umurundi akwiye kwiga gutanga, canke mbere kwitanga kubw’igihugu. Umuntu yokwitanga mu buryo butatu:

• Gutanga amafaranga: hari umugenzo mubi winjiye mu Barundi wo kwibaza ko ari abakene cane, bikabatera kuba abasezi, gushika aho, umuntu umwe yitunze agatunga n’abiwe neza yikengera, hakwiyita umurundi yitunze, akiyita “Abarundi” bakenye, mbere bakwiye gufashwa. N’umutunzi ruhebwa mbere ugasanga yifashe uko. Gutunga biri mu mutwe imbere yuko biba mu “ngodo”. Wiyita umukene uba uri umukene naho woba ufise ibitayega. Kuko unifata uko wiyita. Bikitwa gutuka Imana. Ivyo ntibikwiriye abana b’Imana biswe n’Imana “imana”. Imana irashaka rero ko nk’abagwizatunga bakamata vyinshi mu vyo bafise bagafasha imigambi y’igihugu ku giti cabo ata kagobero. Nk’umuntu akora ibikorwa ashobora kunguka imiliyoni 50 ku kwezi agafata inyungu yiwe y’ukwezi kwose akayifashisha nko mu kugurira ibitabo amashure 10, rimwe rimwe akarigurira ibitabo vy’imiliyoni 5 ata kagobero. Ndashaka mumenye iciza co gukora uko. Nimba mw’isi iciza citurwa ikindi, mbega Imana yo mw’ijuru niyo yishura inabi abagize neza? Ntimuzi ico bibiriya ivuga kubatanze isabagire? Ndemezwa cane ko abafasha imigwi minini y’impfuvyi, n’abapfakazi n’abatiga, bagaterera Leta mu kubaka amashure n’amavuriro batazosoromamwo amahera, abo Imana ibishura umurengera, muri buno bugingo, no mu buzokurikira babikiwe ibitsibo. Abo bagira umugisha mu vyabo, uwo Malaki yavugishijwe ku batanga ibigiracumi n’amashikanwa. Ariko tweho ubu kuko tutarongorwa n’ivyagezwe nk’abakera, ariko turongorwa na Mpwemu w’Imana Yesu yatugwatirije, ntidutanga ikigiracumu gusa, twitanga uko tungana, nk’uko Paulo abivuga, turongorwa n’ukugira neza nk’uko natwe twagiriwe. Sinibesha ko ico abo mu bihugu vyateye imbere bakiturusha, mbere coba kibatera umugisha mu bigaragara. Mumaze kubona bimwe bita ama Fondations y’I Buraya mu bihugu bitunze, vyashizweho n’abatunzi bafashe ingingo zo gukoresha amafaranga yabo ubwabo ngo bateze imbere abakene batanazi. Ntituyobewe ko bamwe muri bo babikoreshwe n’imvo kumbure zitari nziza, ariko tweho twiteho kugira neza tube turaretse imanza. Harabuze abarundi barenga 10 umwumwe muri bo yokubaka ishure rya 100,000,000Fbu ibikorwa vyiwe bigakomeza neza, mbere akaharankera umugisha? Harabuze uwokubaka inzu ya 100,000,000Fbu abarimu 10 babamwo, kumbure bakariha ishure 1/5 c’amahera borishe? Harabuze abgwizatunga 100 boteranira ama orodinateri 1,000,000 abanyeshure bari mu myaka ibiri ya nyuma barusha amanita abandi bakayahabwa ku buntu? Umugwizatunga umwe gusa ntiyogurira ama orodinateri abashakashatsi ijana b’abarundi bandize ibitabo ku bintu nkenerwa ku gihugu, kugira baterwe integer zo kuguma bakora ubwo bushakashatsi? N’ibindi. Umunyabulaya yibeshejeho bisanzwe, arazi mu mutwe wiwe ko atunze amerewe neza kurusha umunyamahanga abonye. Bikamutera kwitega kumufasha aramutse abisabwe, atarinze kwibaza birebire. Ariko naho mvuze uko, n’ibitandukanye n’ivyo ntibibuze.

• Ubuhinga: Imana yanyeretse ko n’abatagira amafaranga n’ubutunzi bugaragara, bakaba bafise ubuhinga budasanzwe muri ibi na biriya, bobutanga babikunze, batagoberewe kugira bubesheho bene Data. Ubikora abikore gusa, ata biharuro vyinshi akoze vy’ukwibaza ico bamurusha. Umugisha wiwe uzozira aho nyene, yirurwe mu vyo yarenganijwemwo, canke yirengagijweko. Umwigisha afise imyiga yigisha asange abiyungunganije ataco bazi abigishe ataco asavye, bakironse bamuhe, batamuhaye, kubera inda mbi, canke kutakironka, yigire ashima Imana. Iyo na yo hari ico izokora.

• Inkuru nziza ya Kristo: Abandi basanzwe bitanga mu kuvuga inkuru nziza ya Kristo. Yemwe ntimudandaze ivyavuye mw’ijuru, uburake bw’Imana ntaho mwobuhungira. Bamwe badandaza ama CD n’ama kaseti y’ubutumwa bwiza canke indirimbo z’Imana amafaranga y’umurengera, abandi bagakonganiriza abantu mu nzu zidasanzwe zo mu muji nk’amahoteri, mw’ijoro ritagendwa n’abakene, kugira ngo babaririmbire indirimbo nsha zavuye mw’ijuru babatangishije amahera ata mutunzi yoronka. Murabona gufata i jeep kugira ufate urugendo rw’ijoro ugiye gutanga 30,000Fbu ko mu Burundi atari ivy’umurundi asanzwe. None Imana yatanze indirimbo ku batunzi gusa? Mubona ivyo Mpwemu w’Umwami Yesu yatwitangiye ku musaraba yovyihanganira, canke ni ayanje ngo munsengere? Nomba ari ayanje nyene. Ariko iyivugana nanje imbwira ko izobihana. Ababikora muhunge mwinjire mu bwato.

• Bene ivyo bikorwa vy’inda nziza, bagenzi vyirukana impwemu z’inyatsi n’iceyi, kuko urukundo rwa Rukondo, Yesu yitanze, runyiganyiza ivyagwanya Imana mu w’itanze. Ivyo umuntu ntabitegekwa, munyumve neza. Abikora abikora kubwo kugirira abandi nk’uko Imana yamugiriye, nk’ikimazi c’ishimwe. None, ninde asanze atafise ico atanga ga bene Data? Jeho nsanze ndi umutunzi yagararije kuva kera, Imana infashe. Mbere kumbure Imana yashatse gukebura jewe, ariko rero, nawe, mugenzi, bonerwaho. Rero nanasomye ngo umusukoni ntushobora kwama elayo, umuzabibu ntiwokwama insukoni; uko nyene niko n’amazi y’umunyu atovamwo ayaryoshe (Yak.3:12), kuko umuntu atanga ico afise. Mwumve gose, uko ntoshobora kubivuga, ko abazi ubwenge nk’uko Daniyeli avyita bumva cane ivyo. Yesu abahe umugisha. 

g) Indunduro: Duhiganwe mu kugira neza

Bibiriya ivuga iti : Ingero mugereramwo abandi, ni yo muzogererwamwo. Kwitaho abatishoboye, vyumvikane cane gose kurusha uko nabivuze, kuko jewe natanze intumbero gusa, nayo ababijejwe bakwiye kubona binini kurusha aho. Kuko, mubimenye neza, nta mugisha na muke ubaho, iyo bamwe basesa indya ibimuga, n’abasaza n’impfuvyi n’abapfakazi batarya. Ntibishoboka. Nawe mubanyi w’umwe muri abo wumva ibi, menya neza ko ari wewe mbwiye, si Leta. Kuko umugisha w’igihugu uba ku muntu umwe umwe mu bumvira ubutumwa. Ucumva bino ushobora gukorera proje Leta kuri gusa y’ivyo yokora, ukabitanga mu biro vy’umukuru w’igihugu. Naho ataco bokora, wewe uzoba uciye umugisha wawe. Nimba waranize, vyerekane n’Imana ibibone, yo ihemba neza. Uko urondera kugabanya ingorane z’abandi, mu gusenga, mu kwigisha, mu kwitanga mu bigaragara, mu gukorera imigambi kuri gusa amashirahamwe ari n’ico yokora canke Leta, uzoba uciye umugisha wawe.

Ndangije iki gice nkwibutsa, wa muntu wihenda ngo urakijijwe, ngo urasenga, yuko utiruye umukene muvyawe, ukamwirengagiza kuko atari incuti, umusūrirako ivumbi gusa ngo ugiye gusenga, nta mugabane ufise mw’ijuru. Uruhira ubusa naho uri umuririmvyi rurangiranwa. Uruhira ubusa naho uri Pasiteri. Umusenyeri afise étage y’ivyumba 20 vy’abashitsi akaba abana n’abantu nka bane gusa, yirira akinywera, abăza gusega akabaha uducocerwa, yátegerezwa kugurisha imiduga yiwe akabubakira, n’urwo ruzu rukaba urw’abajenama badashobora kugura isabuni, akihenda ngo ni iy’abashitsi b’abaterambere, abakuru nka we, aba « bailleurs de fonds » bamuha amafaranga yo kubaka ibimushira hejuru we n’abo banganya kuvuga indimi zo hanze, mu mwanya w’ubuhirwe urindiriwe n’ubumaramare bwinshi. Ijwi ryankariye cane, sinoguhenda, nanje numva agahinda kubwanje nyene. Ntawe nshaka gucira urubanza kuko nanje numva urwanje Atari ruto, ariko nshaka tuvyurane, twegereze ata bwoba, imbabazi za Kristo zitubeko.

Nta muntu n’umwe yosigura ingene abeshwaho n’amafaranga arenga umuriyoni ku kwezi uyu musi agatunga abantu bari musi y’icumi. Umuntu afise abeshejweho na miriyoni zitanu, afise inzu rwiwe n’umuduga, yari akwiye kuba afise irerero ry’impfuvyi, i ruhande y’umuryango wiwe. Utabikoze ntiwibaze ngo uri mw’idini ngo uriko uja mw’ijuru. Yesu yaravuze neza ati : « Ikizobabwira ko muri abanje, ni urukundo muzokundana ». Amen

12. Itunganywa ry’amabarabara canke Réseau routier mu gifaransa :

1) Imana yarangendeye irambwira iti: “amabarabara yo mu gisagara akwiye kugira ikibanza ciharije amakinga agenderamwo”. N’ukuvuga ko amabarabara amwe amwe azosubirwamwo kugira amakinga aronke aho aca mu buryo bidatera impanuka, agashika mu muji ariko aciye mu mabarabara azoba yabitegekeranijwe, atari yose.

a. Twihweze ivyiza vy’iryo jambo. Muri kino gihe amakinga ni ikintu ciza cane kuko atononesha umuyaga imicafu iva mu moteri. Aroroshe kugura ku bantu batobato, ikibanza co kuyabikamwo, parking, kiroroshe kurusha imiduga, kugendera kw’ikinga bifasha amagara, mukugabanura ibinure ku bakozi bamaze kugira imyaka myinshi no kunonora imitsi;

b. Igihugu c’Ubuhorandi giteye imbere mu gukoresha amakinga, kuri izo mvo n’izindi kumbure ntavuze, kandi ni igihugu giteye imbere cane;

c. Ku muntu atoshobora kuronka umuduga canke ipikipiki, ni ukubaha uburenganzira bwiwe kumwemerera kwiyunguruza n’ikinga;

d. N’aho biri uko, ntituyobewe ibigoye biva kukutanyaruka kw’amakinga mu nzira, kukutahagarara neza igihe cose bikenewe, ku kutamenya amategeko kuri benshi bayagendesha, n’ibindi, ari naco gituma hofatwa ingingo zimwe zimwe nk’izi zikurikira:

• Amakinga akwiye kurekurwa abanje gutegekeranizwa aho azoca;

• Abagendera ku makinga bakwiye na bonyene kugira icerekana ko bazi amategeko y’ibarabara. Ayo akwiye kuja mu rutonde rw’ivyigishwa mu mashure y’intango. Umwana akwiye gusohoka mw’ishure shingiro yize mu mwaka wa nyuma amategeko y’ibarabara akabihererwa amanita nk’ibindi vyigwa vyose;

• Hari ibibanza bimwe bimwe bidakwiye gushikwamwo n’amakinga bivuye ku mvo zizwe neza, nk’umutekano, parikingi, canke ibindi. Ico gihe hoba icapa kivyerekana;

• Mu gutunganya ibisagara hakwiye gutegekanywa parikingi ku vyuma vyose vyinjizwa harimwo ikibanza ciharije c’amakinga. Vyoba vyiza gutegekanya ikibanza gikuru kiri musi y’isoko, parking principal, mu gifaransa, itegekanijwe n’igihugu, kugira ngo ntihabe urwitwazo na rumwe ku kajagari, ivyo bibakaba bitobuza ama parikingi y’abigenga yubatswe musi y’amazu gusa nko ku vyerekeye Bujumbura ibibanza vyaho bikenerwa muri vyinshi; 

2) Nabonye mu Kamenge, rirya barabara riva mu muji, rikabandanya mu Carama rifise metro, n’ukuvuga hari vya bimodoka bitwagwa n’umuyagankuba uri kw’ibarabara, kandi ryari ibarabara ry’ikizungu cane rifise iro musi no hejuru, ndabona mvuye ku rugendo nururutse nkaduga ingazi kugira nshikire iryo hejeuru ntahe. Ico gihe nabona hariko harakorwa isuku muri ico kibanza. Ivyo ni ivyo Uburundi buzobamwo, hamaze kuba iterambere, ubutaka busigaye bwimbwa neza n’ama companyi akorera igihugu, kuko uyu musi ari Abarundi ahubwo bayakorera! Ico gihe bwa busuma buhitiye, bwo kuyora ivu ryuzuye ubutare ngo bagiye gusuzuma, ntihamenyekane icavuyemwo, bikamenywa n’abo babikorana, ntibuzosubira. Amabarabara bene ayo, rero bishoboka ko azoba ari mu miji mikuru yose uko igihugu kizoba kingana, naho nerekewe mu kamenge nk’urufatiro.

13. Kaminuza y’Uburundi:

1) Ikwiye kuzokora no gushira mu ngiro umugambi munini w’ubworozi ufatanye n’umugambi munini w’uburimyi bwa kijambere. Bizofasha kwiteza imbere batazera inze, kuronka aho bakorera ivyigwa (espace d’experimentations scientifiques), gutanga akazi ku rwaruka rwinshi rutsinze. Uyo mugambi ufise ikibanza kinini nka kiriya ca SOSUMO kugwiza kabiri, urashobora kuriha amafaranga yose kaminuza yokenera mu bikorwa vyayo, mu kudandaza amata, inyama, ubuki, amagi, confitures, fromage, amavuta, n’ivyimburwa biva mu bitegwa njabukamazi. Gutyo Kaminuza ikimenya, kugira Leta yiteho abatishoboye. 

2) Itariki 5/10/2015 : Nabonye kandi kaminuza yigenga ikora umugambi wo gukoresha ubuvuzi kama, médicine moderne locale, ikoresha ubushakashatsi kugira haboneke imiti y’ikizungu ihinguriwe mu Burundi, mu buhinga n’ibiti vyo mu Burundi, ivyo bica bisubirira iyindi miti y’ikizungu ihasanzwe. 

14. Ndamukiza 2016: Nabonye Cankuzo ari intara ikenye cane y’inyuma y’izindi, yubatse nabi, ndavyihweza bikantangaza. No mmuvyo turabisha umubiri ni ko biri, naho hari intara zibiri gusa mu gihugu ntazi ngo mbigereranye, Bubanza na Mwaro nibaza ko nazo nyene zidateye imbere. Uburundi bumaze gutera imbere bwoshira imbere izo ntara cane cane mu mabarabara ya kaburimbo azifatanya n’izindi ntara n’ama komine azegereye, nka Cankuzo igafatanywa na Tanzaniya n’ibarabara ry’ikizungu, bagaca batunganya gushasha ama karitiye y’akarorero (viabilisation des quartiers de reference), akubakwamwo amazu agerekeranye yo gukodeshwa, kugurwa canke mbere yo gutangwamwo ama appartements ku batishoboye. Cankuzo ni intara imera cane, ihana umupaka na Tanzania, vyoroshe gose guteza imbere mu gufatanya ama komine amera cane n’umurwa mukuru w’intara, bikagabanura inzara mu gihugu cose, kandi bikateza imbere urudandaza hagati ya Tanzaniya n’Uburundi, ama hoteri yo mu Cankuzo akahabonera akoyoko mu kwakira ingenzi. Abanyagihugu bafise amabarabara meza bogurisha muri Tanzaniya, hagati mu gihugu no mu Cankuzo, cane cane mu mashure n’ama hoteri, no mu makambi y’igisoda, ibiraya, imiceri y’I Mishiha, ibiharage n’imyumbati biri hose, ibiyoba n’ubushaza n’ibikaju vyo mu kumoso, n’ibindi nk’ama voka, imyembe n’imicungwa n’indimu nziza nziza. Ivyo vyose, kubera kubura amabarabara bihera mu makomine, uretse ko bitanaheza ngo birimwe neza.

15. Urutonde mu nyubako . 

Hari uburyo butatu bw’akajagari noshobora kwerekana budakwiye kuzosubira mu Burundi bushasha canke muri Isirayeli ya kabiri:

a. Uburyo bwo kwubaka amabarabara: mu makaritiye yitwa ko atunganije, n’ukuvuga viabilisés, mu gifaransa, baraca amabarabara bagakora amakosa abiri: irya mbere bakora ibarabara ryaga ku buryo bigoye ko imodoka zobiri zibisana mu makaritiye amwe amwe; irya kabiri nta kabarabara k’abagenda n’amaguru bvasiga ku ruhande kamwe bita trottoire. Ibarabara ry’ikizungu ryose ritegerezwa kugira trottoir, n’aho ryoba iryo muri karitiye. Trottoir ifise utumaro tubiri: akambere n’uko abagenda n’amaguru bagenda mu mutekano kando batagora ivyuma vy’amamoteri. Aka kabiri, kaba kubatse mu buhinga butandukanye nn’ibarabara rikuru, hasi hegeranye kurusha, mugukoresha twa dutafari duteranije n’isima kuko bahacisha ama sandugu canke ama valizi agendagenda ku du pine duto twoshobora guhomvagurikira mu mabuye ya pavage. Mumenye kandi koi co gihe kije hazoba hari uruja n’uruza runini cane hagati y’igihugu c’Uburundi n’ibindi bihugu rutigeze kubaho na rimwe. Abantu, mbere na bato bato, bazova mu ma karitiye menshi baja mu bihugu bitandukanye, no mu ntara zitandukanye z’igihugu mu rugero runini cane, ku buryo bizozana uruhagarara runini rwozana n’insanganya ivy’amabarabara n’iyunguruzwa ry’abantu n’ibintu bitiyumviriwe bikiri uyu musi. Kuko vy’ukuri hariho ukutitwararika muri iyo segiteri. Mu kubaka kaburimbo, cane cane amabarabara y’amabuye, utwo tubarabara tw’abanyamaguru ni utwo kwitwararika cane gose, kubw’izo mpamvu. Ni ukubahiriza agateka k’abantu batobato, kandi ni ukongereza umutekano mu mayira. Ivyo bibwirizwa kumera gutyo mu ma karitiye yose y’ibisagara vyose mu gihugu. Ntavyo kwitwaza ko bizimvye kuko Uburundi buzoba butunze kandi bushizwe hejuru n’Imana. Noneho n’aho twoba dutunze ibibayabaye urukundo ku bagenda n’amaguru n’ubugororotsi mw’ikoreshwa ry’amafaranga y’igihugu vyodushoboza kubikora uko. 

Imana yerekanye mu bihe biza hazoba amabarabara yo hasi no hejuru, n’ayo hasi. Imisozi ntizongera kuba ikibazo kuko tuzoca musi yayo nka kurya ko mu bu Swisi. Imiji imaze kuba minini, kubera ko igihugu ari gito, ya mabarabara manini afatanya intara n’izindi, amwe bita highways mu kingereza, azoca hejuru y’umuji nka kurya kwi Seattle muri Amerika n’ahandi.

b. Kubaka mw’ibarabara no mu bindi bibanza bifitiye akamaro abantu benshi: ubugunge bw’abanyagihugu batari bake bubatera kutitaho inyungu z’abandi, kandi mbere banazisangiye, ugasanga umuntu mu kwubaka yubatse inyuma ya za mambo z’abajejwe gupima ama parasera, Cadastre, bikagisha ibarabara. Nk’iyo hatapimwe hoho ngo hakorwe mu buryo bwa bimwe bita viabilisation mu gifaransa, biba urudubi. Umuntu yikorera ivyo ashatse, ukibaza koako karere gafise aho gatwarirwa n’uko umuntu wese yitwara. Kuko vy’ukuri, n’aho yoba ari ikaritiye itaharuweko ivya viabilisation, ubutware bwa komine bwari bukwiye kwitaho ko ibarabara rifise uburinganire bwemerwa n’amategeko y’igisagara. Gutyo utujagari twokorwa twose tukaba muri parasela Atari mw’ibarabara ry’ikaritiye. Mu bihe biza, kubera ko ata vyo gutanga ibiturire n’akarenganyo no gushira imbere nkunzi wo mu mugambwe canke wo mu bwoko bwawe bizoba biriho, umuntu , n’aho azoba yubaka kw’itongo iwe azobanza kwerekana muri komine canke igisata kizoba kibijejwe ko yubahirije ibibanza vy’igihungu bikurubikuru: nk’amabarabara, ibibanza vy’isoko ryategekanijwe, amasoko y’amazi, ama sites y’ubutare, amashamba arimwo ubutunzi kanaka, ama sites arimwo ibintu vyo kuraba n’ibindi nk’ivyo. Ni co gituma, hakwiye kuzoba ama komisiyo y’ubuhinga y’igihugu azoharura bene ivyo bibanza hakiri kare. Segiteri y’ingenzi, secteur du tourisme mu gifaransa, segiteri y’amahinguriro, segiteri y’indero, segiteri y’amagara, segiteri y’amabarabara, n’izindi zikwiye gukora itunganywa ry’ibibanza mu bibarababa hakiri kare, planification de l’espace mu gifaransa, kuko abantu bagiye kubaka ibintu bidasmburwa vuba, kubryo gusambuza abantu bizohombesha nyene kubaka n’igihugu. 

Noneho rero igihugu kizoshiraho umugwi w’abahinga witaho ivy’imiji yose mu gihugu, werekane neza ingene mu myaka icumi umuji kanaka uzoba umeze.N’umugwi uzoba ugizwe n’abahinga benshi bava mu Burundi n’abava mu bindi bihugu.Imana yanyeretse turiko turatembera mu yindi miji kuraba ingene batunganije ibisagara, mbona tugeze I Nairobi, abanya Kenya badufasha cane.

Uyu mugwi w’abahinga uzokwerekana ibidahara mu muji, ibibanza vyavyo vyerekanwe kandi binubakwe ku mategeko vyubatswe n’igihugu canke abagwizatunga bigenga bazobwirizwa guhiganwa bakabikora uko babisabwe n’igihugu. Na vyo ni nk’ibi: Amasoko, Amavuriro n’ama Espaces publics canke bibanza vy’abantu benshi: Ibi bibanza ni ivyo kuruhukiramwo no gusamariramwo utarinze kuriha amafaranga, ahubwo bikagira utuzu twa sugwumwe twoshobora gutoza amahera make yo kutugirira isuku. Ivyo bibanza bizotegerezwa kubamwo ibiti vyiza n’amashurwe mu rutonde rwiza, intebe zo kwicarako zirinda imvura, ibibanza vyo gutamwo imicafu, poubelles, mu gifaransa, ibibanza vyo kudandarizamwo utuntu two kurya no kunywa duto duto vyubatswe mu nteguro imbere y’igihe bigakodeshwa, ikibanza c’itangazamakuru gifise radio na mikoro, espace technique mu gifaransa, kumbure n’ibindi vyokwihwezwa n’uyo mugwi. Kubera ko mu bihe biri imbere hazoba hari uruja n’uruza runi, bivanye n’uko igihugu kizoba carateye imbere gifise n’ingenzi nyinshi, bene ivyo bibanza bizoba bifise ikimazi kinini cane mu mutekano w’imigwi imwe imwe y’abantu.

• Ibibanza vy’ibiti ku mabararabara yose harimwo n’ayo mu makaritiye.

• Ibibanza vyo gukoreramwo imirimo ihuza abantu benshi, stades, mu gifaransa, nk’ibikorane, kwinonora imitsi, kwerekana ibidandazwa n’ibindi. 

Uyu musi, iyo bubaka amabarabara ntibatinya kuyasambura haheze amezi nk’atanu gusa, kuko amazi, umuyagankuba n’ibindi bibuze aho bica. Ivyo ntibiba vyarategekanijwe kare kandi binazwi ko bikenewe kuri bose, abubaka ubu n’abazokubaka kera, ugasanga birateye isoni, umuntu wese asambura ibarabara uko yishakiye, kandi vyongeye bikaboneka ko atanari bunareke. Ukabona vy’ukuri ko ikosa ari irya Leta idakora itunganwa ry’umuji, planification des villes.

16. Gutunganya neza ama Parkings canke ibituro vy’ama bisi

Neretswe ingene kwiyunguruza kw’abantu n’ibintu cari igisata coteza imbere abantu babikora n’igihugu ariko ntivyitaweho ngo bitezwe imbere neza, gushika aho, mu gahugu kangana n’Uburundi, ama kompanyi yo hanze ariyo aza gukora ico gikorwa aniterere imbere. Ingendo irakwiye guhinduka, Abarundi bagakanura, bagasubiramwo amabarabara, bagakura mu nzira imodoka za hiace zakorewe gutwara imikate n’izishaje zonona ibidukikije, hakaza imodoka nini kandi ibibanza vyazo vy’ugushiramwo abantu n’ibintu bisanzwe bitunganije, parkings zigategurwa, hakirwa n’ibindi vyose vya nkenerwa nk’ama stations d’information, canke ibibanza vyo guhanahana amakuru mu ma parking manini nka Gare du Nord ikwiye kwubakwa kijambere, no kwa Siyoni. 

17. Gutandukanya parkings z’ama bisi, amapikipiki n’amakinga: ivyo birashobora gukorwa n’abanyamitahe barihisha amafaranga bumvikanye na Mairie kugira ntihabe ubusuma bw’ivyo vyuma kandi ntihanabe akajagari mu bibanza birimwo abantu benshi. Parkings zikwiye kuba zubakiye neza harimwo abazikoramwo. Leta irashobora gutanga isoko irondera umuntu yorusha abandi kwubaka neza ico kibanza akerekana ingene abakozi bogitunganya kimaze kwubakwa, kugira ngo n’ingenzi zigikunde, akerekana ingene yokwakira ivyuma vyinshi mu kibanza gito kurusha abo bahayanwa, maze agahabwa ikibanza muri centre ville agura. Ico kibanza kijamwo ivyuma vyose kirakenewe kuko mu bihe biza amabarabara agiye gusubirwamwo, hakaboneka aho ivyuma vy’imoteri bizoca, aho amakinga azoca, n’aho abagenda n’amaguru bazoca. Bikaboneka ko ama kinga azoba ari menshi mu muji atari mu buryo bw’ama tagisi velo, ariko ari amwe abantu biyunguruzako ubwabo nk’uko bimeze nko mu gihugu c’Ubuholandi. Ivyo bikwiye kugenda gutyo nyene mu ntara zose hakiri kare hatararinda kwubakwa ibizorinda gusamburwa. 

1) Parkings zo musi y’amazu : Kubera imiji imwe imwe iriko irakura cane kandi mu gihe c’umugisha kiri imbere izonakura na gose ku buryo butokwiyumvirwa ubu, hari ibibanza bimwe bimwe, nka Centre ville i Bujumbura, ku bibanza vyegereye amasoko mu miji yose y’igihugu, ntihazongera kwubakwa amazu adafise ubushobozi bwo gushira parking musi y’inzu. Kuko noneho hari igitigiri c’ama nivo, nka 4, abubaka izo nzu batazoja musi. Bene izo mpusha zo kwubaka amazu atakwije ivyo, ntizari zikwiye gutangwa. Imiji nk’iya Gitega na Ngozi na Rumonge na Kayanza, niraboneka ko ivyo vyari bikwiye kwigwa kare batararinda kubaka inzu zizorinda gusamburwa.

2) Urutonde muri parking z’ama bisi:

3) Mu ma parkings z’ama bisi turasezereye inyifato z’aba dereva bagwanira aba kiriya bagatera akajagari muri parking gushika aho vyorohereza abasuma. Ubu nta bakokayi bazongera kuvugwa kuko parkings zizoba zikozwe neza zifise ivyapa vyanditseko ivyo kumenyeshwa hamwe n’ama biro arimwo iradiyo isamiranira kure imenyeshesha mu ma mikoro ivyibwe, ivyatowe, abatakaye, imodoka zigenda n’izishitse, ku buryo imodoka zija hamwe zizotonda uko zakurikiranye hakagenda iyuzuye izindi ziri inyuma. Ivyo bizokinga ubusuma, akajagari muri parking, gutakara kw’abana n’ibintu, umutekano muke ku bakenyezi, abarwaye n’abana n’ingenzi. Ari imodoka zo hagati mu miji canke ziduga ruguru, aba dereva bazoza batondeka imodoka zabo uko zaje, uwujuje kare ari we agenda. Ivyo bizotuma ata guta umwanya mu gituro ca bisi, kwibwa n’ibindi. Bizotuma na ba nyene ama bisi badata umwanya bashwana mu gupakira, bubahane, bakoreshe umwanya neza biteze imbere. Polisi n’ubushikiranganji bujejwe amabarabara bakwiye, kuva uyu musi bakivyumva, gukoresha inguvu, n’ubwira, n’ubuhinga bwose bafise kugira ngo ivyo bije mu ngiro vuba. Polisi n’abanyagihugu babifisemwo inyungu kuko bizana umutekano mu bibanza.

4) Kubaka neza ama arrêt-bus, canke ibibanza ama bisi ahagararamwo hirya y’ibarabara ku mabarabara yose mu gihugu kugira bikafasha kurwanya irundarundana ry’abantu mu mabarabara cane cane mu muji wa Bujumbura, aho ama bisi yihagararira hagati mw’ibarabara bigatera uruhagarara gushika zihavuye.

5) Guhagarika burundu ibiturire mu mabarabara kuko ivyo birateje urubwa igihugu.

18. Isuku ku mabarabara no mu bibanza vy’abantu benshi:

« Kuko Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho musagaje, kugira ngo abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu ; ni co gituma aho musagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaze ababonemwo ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora hirya akabata. »

a) Birakwiye gukoresha imifuko y’imicafu ku mabarabara no gukorera isuku ibibanza vy’abantu benshi vyose

Mairie na Polisi barakwiye kwitaho gucunga ko ata muntu ata umucafu mu nzira (ama sashe, ibipapuro vyo kwimyiza, udukaruto tuvamwo indya, ibisigazwa vy’amatabi n’ibindi). Hakwiye gushingwa amategeko abereye n’abo vyega kugira isuku ryongerekane mu gisagara, hakisungwa ivyo polisi yokora, abigenga, abanyamitahe, abahinga, n’abandi bakitaho cane cane ivy’ama sashe akorwa canke yinjira, abakwiye kugura imifuko y’imicafu abo ari bo mu bibanza kanaka (Leta canke abigenga bivanye aho ari ho), ibihano ku birenzweko, uruhara rwa polisi muri ivyo vyose. 

b) Gukora imiferege y’amabarabara makuru no kuyaharura : Birakwiye gushinga amategeko atomoye agenga ingene imivo yose yo ku mabarabara makuru no mu ma karitiye akurwamwo imicafu n’ingene iruhande yaho haharurwa kugira ngo akajagari kaboneka muri ico gikorwa uyu musi gahere. Leta y’ubu yari yarigoye ikora igikorwa kera kitakorwa co kuziburura imiferege. Uwokora iciza yogishitsa. Birateye isoni kubona kw’ibarabara rikuru ricamwo abashitsi b’iteka, route protocolaire, Boulevard du 28 Novembre, bimvye ivyondo n’imicafu myinshi cane mu miferege, uva kuri Ntahangwa uja mu Kamenge, bikahamara igihe kirenga umwaka, gushika aho ibibanza bimwe bimwe bimeramwo igisaka kinazibira na wa muferege, ivyo bintu bitananyegeje, Mairie ntibibone. Ivyo vyanabaye kw’ibarabara ridasanzwe ry’ingenzi, route touristique, Avenue du Large, bizwi ko ririko amahoteri, n’inyubakwa zigenderamwo ingenzi nyinshi. Ivyondo vyakuwe mu miferege ubu vyamezemwo amashamba mashasha ahahora kaburimbo, mbere mu bice bimwe vy’iryo barabara, ari ho hari hacubakwa n’infashanyo z’Ubuyapani, ari ibarabara ryo kuratwa, ubwo nyene rigahinduka umusaka, kubera kutitaho. Ivyo, kubera ko bifatanye n’umutekano w’igisagara, polisi irakwiye kuvyitaho, ikabaza ikibuze, abahanurwa bagahanurwa, n’abahanwa bagahanwa. Sosiyete ziziburura imiferege nimba ari zo zitwara imicafu hama zigahembwa na Mairie zitarayitwara uca ubona ko hari agahaze. Ivyo ni ivyo kurabirwa mu ruhande rw’ibiturire, n’ubusamazi, n’ibindi.

c) Isuku mu mabarabara yo mu ma karitiye : Mu ma karitiye birakwiye kwigwa, bivanye n’igihe igihugu kiba kigezemwo, ko kuzura imicafu mu miferege no guharura canke gukubura vyokorwa na Leta canke abigenga barihwa n’abanyagihugu. Nk’uko bimeze mu mabarabara makuru birababaje ingene igikorwa citwa ciza co kuzura imicafu mu miferege catumye amabarabara acika mabi cane kurusha uko yahora. Kuko vy’ukuri hako haza ishamba ku mabarabara hakaga, abihweza ibintu bamwe bavuga bati iyo micafu yopfuma yigumira mu miferege iyo yahora. Nko mu mabarabara makuru ho ntawotegera na mba ingene mu kaburimbo nziza yari inafise isuku hamezemwo ishamba. Polisi ikwiye gukorana n’abakuru b’ama karitiye, bakisigura ku mvo z’ibiba, hama hagafatwa ingingo zibereye. 

d) Isuku mu bibanza vy’amasoko : nta kazi katabura ingorane, ariko aho nagendagendeye mu bihugu, naho ntabonye vyinshi cane, sindabona umwavu ushobora kuba hagati mu muji aho abantu babona ukahamara imisi irenga itatu. Ivyo bihora biba kw’isoko rikuru mu muji, naho mu ma karitiye nka Jabe ho, nta n’uworonka ico avuga. Ivyo bintu biteye ishishi, nk’uko ijambo ry’Imana riduhanuye, binagoye kumva kuko uburyo bwo kuriiha ama sosiyete abikora buva muri ya masoko nyene. Turetse ko canazira guta umwavu mwinshi ukagumaho amasaha ahantu ingenzi zica, ntivumvikana kutaronka imodoka ziguma zikora ivyo zitanaruhutse, kuko gutanga amahera yo kubikora ni vyo bituma ya mahera nyene yongerekana, bivanye n’uko isuku rihamagara aba kiriya n’ingenzi bazana amafaranga n’imitahe. Nta mpamvu n’imwe rero, n’aho igihugu coba kiri mu ngorane, ivyo cobishira imbere, kugira abanyamitahe n’ingenzi batuzanire amafaranga dukenye. Ukwo kutitaho rero kurakwiye guhanwa, bikava mu majambo. Ababijejwe nizera gose ko mu mazu yabo ho bahakora imisi yose.

Ndashaka kumenyesha abajejwe iyo mirimo n’Abarundi bose bifuza kujabuka ko, muri bene iyo micafu ari ho abadayimoni bururukira bagateza ibibazo abantu vyo mu buryo bwinshi. Mbega ko ijambo ritubwiye ko, ahari ibiteye ishishi, Imana yirabira hirya, aho Imana ikuye akarenge, Satani n’ingabo ziwe ntibaca bahasagaza ? Mbega nimba Imana iba ije kurinda ihanga ryiwe no kubaha umugisha, turinde kuvuga ivyo Satani, n’abadayimoni biwe bakorera abo basanze hagati muri ivyo birundo vy’imicafu ? Yohani asanzwe yaravugishijwe ko igikorwa ciwe ari kwica no gusambura, no konona : ntibitangaje kumva ko yoturira isoko, ko abantu bibwa kubera impwemu mbi ziri aho, ko abantu batukana bakaba bonaziburana imbugita, ko abantu babeshana, n’uko biziba amatwi umuvugishwa w’Imana ahaciye kubaburira, n’ibindi. Ivyo si inkuru. Ni ijambo ry’Imana.

Ariko tunagiye mu vyo muca mwumva kurusha ibindi, hari kolera, imibu itera malaria, ibitera diarrhee vyinjira mu vyamwa, n’ishishi ubwaryo. Abantu bakwiye kugubwa neza kugira bakore imirimo yabo, n’abantu bifuze gusubira kuhaca. Nico gituma ibitera imicafu myinshi kurusha ibindi bikwiye gufatirwa ingingo zibereye na Komite y’isuku mu gisagara, itariho ikahaba, mbere n’ama komite y’isuku mu ma karitiye bikenewe akahaba. Ariko cane cane, ababijejwe bakwiye gukora igikorwa cabo. OBR irihisha ama tagisi n’amakori imisi yose, ntivyumvikana habe na mba ingene ata muntu ajejwe gucungera ngo abadandaza ntibaze gutonorera ibiharage mw’isoko, gususuriraho imisoma, n’amarengarenga n’ibindi bagataho, mu muji mukuru w’igihugu ugenderwa n’aba diplomates, gushika n’aho ingenzi zohashoreye ibintu kanaka zigatanga amahera y’agaciro, zifata ingingo zo kutahaca na rimwe ngo ntihabatere ingwara. Ivyo birakwiye huhagarara uyu musi kuko ntakibuze na kimwe. 

19. Gutunganya neza urudandaza mw’isoko rya Bujumbura no mu masoko makuru makuru :

Haheze igihe, bivanye n’ikiza cateye isoko nkuru ya Bujumbura igasha, hari akajagari mu badandaza ibidandazwa bito bito. Ni ko isoko yugaye, inda zo ntizugara, ariko ntivyumvikana na gato ko Leta ireka abantu bakaza kugira akajagari kangana ukuraho mu kureka umuntu wese afise imyembe 15, imboga za 3000 Fbu, imihwi itokuzura urutaro, umwumwe wese ngo aronke ikibanza gushika aho abagurisha basumba abagura, hakaba uruhagarara. Kandi biragaragara ko abantu babonye ako kajagari, n’uwamuye ama voka icumi aca ayakubita ku mutwe kurondera ikibanza hagati y’ama bisi, kuko biboneka neza ko abantu baza kudandaza ubu, isoko rikiriho nta n’igice cabo cariho. Bisigura ko babonye akajagari kariho, babona ingene uyu musi polisi ihabwa amategeko kanaka ejo kumbure bagahabwa ayandi, kuko batakora bimwe imisi yose, n’abatari bafise ibibanza nabone baca baramanuka. Uyu musi abantu baratura imifuko yabo ku gituro c’ama bisi hagati muri yo ku mutaga ata camira ukamengo ni ibisanzwe. Birashoboka ko Polisi yoba yaraburabujwe mu buryo butandukanye, ariko bihangane, bagire ico bahinduye. 

Vyari bikwiriye koko ko uwifuje kudandaza aronka ikibanza, ariko kwitaho ko uwuzanye ibintu mw’isorori aronka ikibanza n’uzanye imboga mu kwaha, n’ibitunguru mw’isashe, bose ngo baronke aho bandira mw’isoko nkuru, ntivyumvikana na gato. Kubareka ntibiva ku rukundo na mba, ahubwo bishobora kuva kuko ubazeyemwo amajwi mu matora, ariko ivyo ntivyofasha igihugu. Uwobakunda yobafasha mu kwegeraniriza ivyabo mu minwe y’abantu bake, abo bagaca barondererwa ibibanza vyubatse neza, abadandariza hagati mu mabarabara bagatera uruhagarara igisagara cose, n’abagendana ibintu mu kwaha abo bakigirwayo. Polisi ibifitiye uburyo n’ubuhinga bwo kubikora neza kandi ningoga. Ibishoboka n’ubu nyene birakwiye gukorwa, imvura nyinshi itararinda kugwa. Kuko uko dushira ibintu vyinshi mu buryo ni ko natwe tugenda turabwa ryiza n’Imana tukarindwa. Izo si inkuru. None mwibaza ko Imana iduhora iki ? Erega ni ivyo vyose. 

Izo ntonde zibayeho, abantu bagakorera mu ma koperatives akoresha isuku ryinshi akagurisha ibiri mu dufuko, haboneka ingenzi, n’abanyamitahe, n’umutekano mu gisagara, impanuka zikagabanuka, igihugu kikagenderwa, ababeshejweho n’ibiturire vyo muri ako kajagari bagakira, ivyaha bitandukanye bikahava, impwemu mbi zururukira muri ako kavuyo, no mu micafu zigahunga, maze inkota ku gihugu ikatuba kure. Uko ni ko Imana ikora, bagenzi. Kora ivyiza mukire igitsure c’Uhoraho. Akajagari ni ihema ry’abadayimoni. Ninde yovuga ko ntavuze ukuri? Ko Imana ikunze ko nandika bino, mu mwanya wo gukora ibindi vyombeshaho, ntimubifate ko ari bito. Umwe wese yikiranure n’Uhoraho aho aherereye, tujabuke, bagenzi. Reka gukamisha akajagari, bagenzi, twambuke, imbere ni heza. 

20. Gukingira ibiti n’amashurwe bitewe ku mabarabara : Leta ikoresha amafaranga menshi cane mu gutera amashurwe n’ibiti, ariko ntihagire ico ikora mu kubikingira. Umengo biremwe kwicira mu mashurwe ari kw’ibarabara ata nkomanzi. Birateye n’ubwoba n’ukubona umuntu yize yitambukiramwo neza muvyakoreshejwe ikori ryiwe. Gusubirishamwo amashurwe incuro nka kane, abatanga amafaranga ntihagire ingingo bafata kandi igihugu gifise polisi, abenegihugu biyononera ivyabo vyobubakiye ayandi mashure n’ibitaro, ntihagire ico binona, birababaje. Igihugu nk’ico biba bigoye ko gitera imbere n’aho coba gifise ibitayega, kuko gutera imbere ni mu mutwe ubwa mbere. Hindure ingendo rero, bene Data, Barundi.

21. Uko dukwiye kwirinda mu bibanza birimwo abantu benshi : Kutanywera itabi mu bibanza vy ‘abantu benshi, kwihagarika aho ubonye, umuntu gushika n’aho yihagarika hagati muri ville polisi ibona biteye agahinda. Ntivyoroshe gutegera ingene, ku mutaga riva, umwana agirira kaka hagati mw’ibarabara rija kuri katedrale Regina Mundi, abandi benshi, bakihagarika kuri sentare imbere ya kiosque BRARUDI, gushika hakabora, huzuye aba polisi, kandi ari ikibanza cuzuyemwo ingenzi. Ibintu nk’ivyo bikwiye gutorerwa umuti no guhanwa. Kimwe mu vyokorwa ni gukwiragiza hose mu bibanza vy’abantu benshi ama WC ivy’isuku yazo bikigwa neza n’ababijejwe. Ivyo ari vyo vyose Mairie ikwiye kwitaho ivyo mu muji w’i Bujumbura, no mu ntara bikigwa.

 

22. Kubaka inzitiro z’ingogo zerekana amazu nk’amabohero bikwiye guhera, kuko mu gihe kiza, Uburundi buri mu mugisha, icatuma abantu baduza bene ayo ma clôtures, canke izo nzitiro, kizoba caheze. Abantu bazoba bakwiye kubaka uruzitiro rw’ivyuma rwerekana ubwiza bw’inyubakwa iri imbere nk’uku n’ubu biri ku mazu amwe amwe mu muji.

23. Ubutunzi bw’igihugu :

Birakwiye ko abaganza n’abasenzi dusengera ubutunzi bw’igihugu kugira impwemu mbi ziburyamyeko zihunge. Abasenzi musengere inzuzi n’ibiyaga vyose, nk’uko maze kubivuga, amashamba n’ibiti n’indimiro, ubutare na peteroli biboneka ko bigiye guteza imbere Uburundi, n’ibindi, uko murongorwa. Ariko ivyo mvuze biboneka bizungurutswe cane n’umurwanizi kugira ntihagire ico twimarira, ariko tuzonesha, turi kumwe n’uwadusezeraniye