Agace ka gatatu
Kandi ubu turakomerewe cane kuko hariho abadaimoni bama baratubabaza mu kudukubita” Hanyuma yaciye antuma ku b’iwabo bose ngo bahebe inzoga,itabi, imiti
y’imihamuro, gutukana, gusambana eka n’ibindi vyose
ijambo ry’Imana ryihaniza kugira ngo ntibaze bamusanggeyo..
Yarambariye ati:”Iyo Imana yo mw’ijuru isubira
kutwemerera kuva ino tugasubira kw’isi, mu minota 2 twesetwoca twihana.N one turagowe nta kundi ko twanse kwihana.Twaciyedusezerana kugira ngo simpave ntebayo.Ariko rero aho numviye ayo majambo naciye nkoresha uburyo bwose bwo kuvayo, kuko naciye ngira ubwoba bwinshi cane kandi harateye ubwoba. Maze kugaruka kw’isi, naratinye kuvuga ivyo yantumye kuko naribajije nti mbega aho bambariza aho twabonaniye ndaheza mvuge iki?
I KUZIMU HARIYO AGASHO (PRISON)
Igihe kimwe nari mu kuja muri CAMEROUN gukorerayo maji,nabanje kuja ikuzimu kubonana na Shetani, kugira ngo ampe ubushobozi. Niko vyama bigenda imbere yo kuja gukorera mu kindi gihugu caba ico muri Afrika canke ic’i Buraya. Ico gihe rero naragiye turabonana na Shetani turaheza. Mu gihe mvuye mu biro nca ndazimira. Nza mbona nserukiye mu kizu kininin cane, ndagenda ngo ndabe mbona hariyo abantu benshi cane baboshwe intuna(agatunati) bambaye iminyororo mw’izosi,
baboshwe amaguru n’amaboko i mugongo,babohanye
n’ikibambazi(uruhome). Harimwo Abapatiri, Abasenyeri,
Abakristo baguye bagasubira inyuma, eka abazungu
n’abirabure. Ndaheza ndegereza ndabaza nti:”Mbega mweho
ni amaki? Bamwe bati:” Inzoga, itabi ubusambanyi…Ndabaza
Pasitori nti :” Nawe uri ino?” Nawe ati:” Sigaho mwarimu ubu
ndahagorewe. Jewe nahora mva kuririmba ngaca nja gukora
ivyaha . Nca mpfa ntarihana.”Nyamukobwa aca ambaza ati:” Mbega n’ahandi ino wahashitse gute? Isaha zine n’inusu, zikaramuka zishitse ukiri ino abashefu bahava baza ino kudukubita,bagusanzi ino uca uguma ngaha. Kirazira ko umuntu wo kw’isi ashobora kuza ngaha kubona ivy’ino ingene bimeze.
Nanje ngo ndavyumve nca nkura hasi ndiruka nca mbona
nserukiye ku kiyaga . Nca nkura ya mpeta ndayihonyorakonkuko nsanzwe ndayikoresha mu gihe co kunyika. Ndahumiriza, mvuga ya majambo,nca ntangura kuduga. Ngo nshike kw’isi nsanga ni isaha 1( 7h00) yo mu gitondo. Ngo ngire ntya mbona
nturukiye ku baje guhamba umuntu. Ngo bambone nzukurutse
baca bariruka baratinya nanje nca nserukira imuhira. Kuva
uwo musi naciye mara imisi 2 nibaza ivyo nabonye n’ingene
ikuzimu bambariye ivya Yesu, nca nja mu gatengo ngira ubwoba. Abapatiri nabo baraja ikuzimu bakoresheje
maji. Umusi umwe naragiye kubonana na Satani, hanyuma duhurirayo n’abapatiri 5; 3 b’abazunguna 2 b;abirabure.
Twarayaze bambwira ko nabo nyene bajayo, kuko ari ukurondera ubuzima.
UMUSOZI WERA
Ng’iryo ibanga ry’igitangaza nabonye umusi umwe. Naramanutse ikuzimu mbonana na Shetani. Hanyuma ndiko ndatembera niho nabona nseru ku kiyaga kinini cane ariko hakurya yaco hari umusozi wera cane. Ngo ntege ugutwi numva indirimbo nziza cane ziguma zisamirana. Ngitamariwe nza mbona umwundi muntu aje iruhande yanje. Arambaza ati:” Ni amaki? Nanje nti:” Nagomba kuja hariya bariko bararirimba. Nawe ati:” Nta buryo na bumwe buriho bwo kujayo hariya canke bwo kuvayo hariya uza ino(LUKA16:26).
Ndaheza ndamubaza nti:” Abo baririmba ni ba nde?” Nawe
ati:” Ni abaririmbira umwami wabo azogaruka kubajana iwe(
1 Tesalonike4:13-17). Ndamubaza nti:” Mbega uwo mwami wabo ni nde?” Nawe aranyishura ati:”Yesu”. Naciye ntinya
cane kuko yaciye ambwira ati:”Genda ningoga ntagusange ngaha”. Buno nyene naciye menya ko hariho ibindi bwami, nca ndagaruka kw’isi.
NGARUTSE KW’ISI HABAYEHO IKI?
Naciye ndonka umusore w’umukuru anshingira intahe, ambwira ubutumwa bwiza. Ncantangura kwihana ngo menye Imana y’ukuri ,naho nari maze kumenya ayo mabanga yose y’i kuzimu, kuko nari maze imyaka 10 yose ntemberayo.