Bwana Odinga yagereranije amatora nk’ingwano, avuga ko gukora imibonano mpuzabitsina ugiye kugwana ko bitera umwaku ushobora gutuma umuntu atsindwa.
« Tugiye mu ngwano, birakenewe ko tugira inguvu imbere y’iyo ngwano iri kw’itariki 8 z’ukwezi kw’umunani », niko yavugiye mu gisagara ca Homabay mu burengero bwa Kenya.
« Nta muntu numwe muri twebwe arekuriwe gukora imibonano mpuzabitsina buca haba amatora ».
Odinga yabwiye ayo majambo cane cane abahungu asigura ko bohava basiba kuja gutora.
Yasavye abakobwa kutemera gukora iyo mibonano n’abagabo babo buca haba amatora.
« Umukobwa wese asabwe kwima umugabo uburenganzira asanganywe bwo kurangura imibonano mpuzabitsina », niko yavuze.
Raila Odinga yigeze kuba umushikiranganji wa mbere
Si ubwa mbere uwo mukuru w’umugambwe ODM abuza imibonano mpuzabitsina igihe c’amatora.